Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 4:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Ni co gituma tudacika intege, naho imibiri yacu iriko irashira, umuntu wacu w’imbere aguma yiyubura ku musi ku musi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Ni co gituma tutihebura; ariko, nah’ umuntu wacu wo ku rukoba arikw arabora, umuntu wacu w’imbere yama ahinduka musha uko bukeye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 4:16
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uduhe ivyokurya bidukwiye ku musi ku musi.


Ntimukigane inyifato n’imigenzo y’isi ya kino gihe, ariko mureke Imana ibahindure rwose mu kubaha ukwiyumvira gushasha. Aho ni ho muzoshobora gutahura ivyo Imana ibagombako, kuko ni vyo vyiza, ni vyo biyihimbara kandi ni vyo bitunganye rwose.


Ndakunda ivyagezwe vy’Imana n’umutima wanje wose.


None bene Data nkunda, mushikame ntihagire ikibanyiganyiza. Mwihebere ibikorwa vy’Umwami kuko muzi neza ko ibikorwa vyanyu atari impfagusa mu Mwami.


None rero nzobaha ivyo mfise nongere ndabihe nanje ubwanje n’umunezero mwinshi. Ninabakunda rwose, mbega muzoca munkunda buhoro?


None rero, kubera ko Imana mu buntu bwayo yatwizigije iki gikorwa, imitima yacu ntihugumbwa.


Nsaba Imana ko bivuye ku butunzi butagira urugero bw’ubwiza bwayo, yobakomeza mu Mpwemu, mu kubaha ubushobozi biciye muri Mpwemu wayo,


ngo mugirwe bashasha na Mpwemu mu vyiyumviro vyanyu no mu myifato;


mukambara umuntu mushasha. Uwo na we yama ahinduka mu gutahura, akama arondera gusa n’Umuremyi wiwe.


yaradukijije, atari uko twakoze ibigororotse, ariko kubera imbabazi zayo. Yadukijije mu kutwoza ivyaha vyacu biciye mu kuvuka ubwa kabiri, no mu buzima bushasha muri Mpwemu Yera.


Ariko mwambare ubwiza buva imbere muri mwebwe, budatituka ari bwo kugira umutima mwiza kandi utuje. Ubwo ni bwo bwiza bufise igiciro kinini imbere y’Imana.


Nibabatuka babahora izina rya Kristo, muze munezerwe kuko Mpwemu w’ubwiza ari we Mpwemu w’Imana ari kuri mwebwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ