Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 4:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Mu mibabaro yacu, imibiri yacu isangira urupfu na Yesu kugira ngo ubuzima bwiwe bubonekere mu mibiri yacu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 imisi yose tugendana mu mubiri urupfu rwa Yesu, ng’ubugingo bga Yesu na bgo buserukire mu mubiri wacu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 4:10
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hasigaye igihe gito isi ntisubire kumbona, ariko mwebwe muzombona, kandi ko ndiho, namwe muzobaho.


Kandi nimba twagizwe umwe na Kristo mu rupfu rwiwe, natwe tuzozurwa nk’uko na we yazuwe.


Nimba rero twarapfanye na Kristo, twizera ko tuzobanaho na we.


Nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Kubera wewe, twama tugeramiwe n’urupfu umwanya wose; dufatwa nk’intama zijanywe kubagwa.”


Kuko nk’uko turushirizaho gusangira imibabaro na Kristo, ni na ko tuzorushiriza gusangira ukwirurwa na we.


Mu vy’ukuri, twumva ko twaciriwe urwo gupfa. Ariko ivyo vyabaye kugira ngo tureke kwizigira inkomezi zacu, ariko twizere Imana izura abapfuye.


Naho yabambwe ari umunyantege nke, ubu abayeho mu bushobozi bw’Imana. Natwe ni nk’uko, turi abanyantegenke nk’uko Kristo yari, ariko ubushobozi bw’Imana buba muri twebwe iyo turiko turabakorera.


N’aho turi bazima, twama duhakwa kwicwa ku bwa Yesu, kugira ngo ubuzima bwiwe bubonekere mu mibiri yacu ipfa.


Uhereye ubu, ntihakagire umuntu yongera kungora, kuko mfise inkovu za Yesu ku mubiri wanje.


Ubu nezererewe imibabaro ndiko ndacamwo ku bwanyu. Mu mubiri wanje, ndiko ndashitsa ibisigaye ku mibabaro ya Kristo ku bw’umubiri wiwe, ari ryo Shengero.


Iri jambo ni iryo kwizera: “Nitwapfana na we, tuzobana bazima na we.


Ahubwo, mushimire Imana kuko muhawe gusangira na Kristo imibabaro yababajwe, kuko muzogira umunezero wuzuye niyahishurwa mu bwiza bwiwe.


Nibabatuka babahora izina rya Kristo, muze munezerwe kuko Mpwemu w’ubwiza ari we Mpwemu w’Imana ari kuri mwebwe.


Ndamubonye nca nikubita imbere y’ibirenge vyiwe nk’uwupfuye. Ariko aca anshirako ikiganza c’i buryo ambarira ati: “Ntutinye. Ndi Uwa Mbere kandi ndi Uwa Nyuma.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ