2 Korinto 3:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe7 Igihe ivyagezwe vyandikwa ku bisate vy’amabuye indome ku yindi, ubwiza bw’Imana bwaciye bukayangana. Mu maso ha Mose harakayanganye gushika aho Abisirayeli batashobora kumuraba mu maso, ariko ukwo gukayangana kwari ukw’akanya gato. Nimba rero ivyagezwe bikora igikorwa co kuzanira abantu urupfu vyazananye n’ubwiza bungana gutyo, အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)7 Yamar’ ubgo bugabuzi bgandikishijwe inyuguti zikorogoshowe mu mabuye bgaganzwa n’urupfu, naho bgari bgazananye n’ubgiza. Arik’ ubgo bgiza, naho bgagenda bushira, bgatumye Abisirayeli badashobora gutumbera mu maso ha Mose. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Muri ico kibanza harimwo igicaniro gikozwe mu nzahabu baturirirako ibimota neza hamwe n’isandugu ry’isezerano, ryari rirengejeko inzahabu impande zose. Muri iryo sandugu harimwo ibakure ry’inzahabu ririmwo manu, ya nkoni ya Aroni yamerako amababi hamwe na vya bisate vy’amabuye y’isezerano yanditsweko ivyagezwe.