Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 3:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ni yo yatugize abakozi b’isezerano rishasha, isezerano ritavuye ku vyagezwe ariko rivuye kuri Mpwemu; kuko ivyagezwe birica ariko Mpwemu atanga ubugingo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 ni yo yadushoboje kuba abakozi b’isezerano risha, yamara s’abakozi b’ivyandikishijwe inyuguti, ariko n’ab’ impwemu: kukw ivyandikishijwe inyuguti vyicisha, arikw impwemu ihesha ubugingo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 3:6
45 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Na we arababwira ati: “Ni co gituma umwigisha wese w’ivyagezwe, iyo ahindutse umwigishwa mu Bwami bw’ijuru, agereranywa n’umuntu yinjira mu nzu yiwe, agakura mu bubiko bwiwe ivyiza bishasha hamwe n’ivya kera.”


Aya ni amaraso yanje y’isezerano asesekeye benshi ngo baharirwe ivyaha vyabo.


Arababwira ati: “Aya ni amaraso yanje y’isezerano hagati y’Imana n’abantu bayo, asesetse ku bwa benshi.


Bahejeje gufungura, agira uko nyene, afata igikombe, avuga ati: “Iki gikombe ni isezerano rishasha rivuye mu maraso yanje, asesetse ku bwanyu.


Kuko nk’uko Data azura abapfuye akabaha ubugingo, ni ko n’Umwana aha ubugingo uwo ashatse kubuha.


Mpwemu w’Imana ni we atanga ubugingo, umuntu nta co yokwishoboza. Amajambo nababwiye arimwo impwemu kandi ni ubugingo.


Imana yangiriye ubuntu biciye muri we, impa kuba intumwa ku bw’icubahiro ciwe, kugira ngo nshobore gushikana Abanyamahanga ku kuyizera no kuyumvira.


Ni co gituma ata muntu n’umwe azokwemerwa n’Imana nk’umugororotsi, abihawe no kwubahiriza ivyagezwe. Igikorwa c’ivyagezwe ni ukutwerekana ko turi abanyavyaha.


Ivyagezwe bizana uburake bw’Imana ku wubirengako wese, kandi iyo bitahari ntihaba kubirengako.


Ivyo ni vyo Ivyanditswe Vyera vyavuga igihe Imana yavuga ngo: “Nakugize sekuruza w’amahanga menshi.” Ivyo rero vyabaye kuko Aburahamu yizeye Imana ishobora kuzura n’uwapfuye, ikarema n’ibintu bishasha ibikuye mu busa.


Ubu ivyagezwe ntibikituboshe, kuko twapfuye kuri vyo bikaba bitakituganza. Nuko rero dushobora gukorera Imana, atari muri bwa buryo bwa kera bwo kwumvira ivyagezwe vyanditse, ariko mu buryo bushasha bwo kuba muri Mpwemu.


Kuko icagezwe ca Mpwemu atanga ubugingo carambohoye biciye muri Kristo Yesu, kinkurako icagezwe c’icaha n’ic’urupfu.


Bahejeje gufungura agira uko nyene, afata igikombe, avuga ati: “Iki gikombe ni isezerano rishasha, ryemejwe n’amaraso yanje. Muzohore mukinywako mu kunyibuka.”


Ibi ni vyo bihimba vy’umubiri Imana yashize mw’ishengero: hari intumwa, abavugishwa n’Imana, abigisha, abakora ibitangaza, abafise ingabire zo gukiza ingwara, abafise ingabire zo gufasha abandi, abafise ingabire z’uburongozi, n’abavuga indimi zitandukanye.


Ivyanditswe bivuga ngo: “Umuntu wa mbere, ari we Adamu, yabaye uwufise ubuzima,” Adamu wa nyuma, ari we Kristo yaje ari Impwemu itanga ubugingo.


Kubera ubuntu nagiriwe n’Imana, nashizeho urufatiro nk’umwubatsi w’umuhinga, hanyuma haza uwundi na we akaba ariko ararwubakako. Ariko uwurwubakako wese yiyubare uburyo arwubakako.


Mbega Apolo ni iki, canke Pawulo ni iki? Ni abakozi b’Imana basanzwe babafashije mu gushika ku kwizera nk’uko Imana yakoresheje umwe umwe wese muri bo.


Mbega ni abakozi ba Kristo? (Nataye ubwenge kubona ndiko mvuga uku) Ndabaruta. Nakoze cane kubasumvya, nashizwe mw’ibohero kenshi, nakubiswe kenshi katoharurwa, nahatswe gupfa kenshi.


Ariko ubwenge bwabo bwarimwo umwiza, kuko gushika n’ubu ico gitambara kibagumako iyo basoma ivy’isezerano rya kera. Nticigeze kibakurwako, kuko muri Kristo ari ho gikurirwaho.


Muragaragaza ko muri ikete ryanditswe na Kristo, ryavuye mu gikorwa cacu, ritanditswe n’irangi ry’ikaramu, ariko ryanditswe na Mpwemu w’Imana nzima, atari ku bisate vy’amabuye ariko ku bisate vy’imitima y’abantu.


Igihe ivyagezwe vyandikwa ku bisate vy’amabuye indome ku yindi, ubwiza bw’Imana bwaciye bukayangana. Mu maso ha Mose harakayanganye gushika aho Abisirayeli batashobora kumuraba mu maso, ariko ukwo gukayangana kwari ukw’akanya gato. Nimba rero ivyagezwe bikora igikorwa co kuzanira abantu urupfu vyazananye n’ubwiza bungana gutyo,


Nimba igikorwa cadutsindisha cari cisakaje ubwiza, mbega igikorwa kituzanira ukugororoka ntikizorushiriza kwambara ubwiza?


Mbega none hariho gusekana hagati y’ivyagezwe n’amasezerano y’Imana? Haba na mba! Nimba koko ivyagezwe vyari gushobora kuduha ubugingo bushasha, kubikurikiza kwari gutuma turonka ukugororoka.


Kera mwari mwarapfuye, mwishwe n’ibicumuro n’ivyaha vyanyu,


yatugiranye bazima na Kristo igihe twari tugipfuye twishwe n’ivyaha vyacu. Ubuntu bw’Imana ni bwo bwabakijije.


Ku bw’ubuntu bwayo n’ubushobozi bwayo bwinshi, naratewe iteka ryo kuba umukozi w’ubwo Butumwa Bwiza ngo ndabukwize hose.


Ibi niwabishikiriza bene Data, uzoba uri umukozi mwiza wa Kristo Yesu, yagaburiwe ubutumwa bw’ukwizera n’inyigisho nziza wakiriye.


Kandi Imana yantoranirije kuba umuvuzi w’ubwo Butumwa Bwiza, nk’intumwa n’umwigisha.


Mwegereye Yesu, umuhuza w’isezerano rishasha riri hagati y’Imana n’abantu, kandi mwegereye amaraso aduhumanura, avuga ivyiza kurusha aya Abeli.


Imana y’amahoro, yazuye Umwami wacu Yesu Kristo mu bapfuye, we mwungere mukuru w’intama yashizeho isezerano ridashira biciye mu maraso yiwe,


Ku bw’iyo ndahiro, Yesu yahindutse uwuhagarikiye isezerano riruta ayandi.


Imana ivuze ko iri sezerano ari “rishasha,” ivyo bisigura ko yahinduye ubusa irya mbere; kandi ikimaze guhinduka ubusa kiba kigira kizimangane.


Kuko na Kristo yababarijwe ivyaha vyacu rimwe gusa, uwutagira icaha apfira abanyavyaha, kugira ngo abahuze n’Imana. Mu mubiri yarishwe, ariko Mpwemu Yera amusubiza ubugingo.


Ico tubabwira ni Jambo w’ubugingo yamyeho kuva mu ntango; uwo twumvise tukamubona n’amaso yacu, uwo twihweje kandi twakozeko n’iminwe yacu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ