Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 3:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Ariko ubwenge bwabo bwarimwo umwiza, kuko gushika n’ubu ico gitambara kibagumako iyo basoma ivy’isezerano rya kera. Nticigeze kibakurwako, kuko muri Kristo ari ho gikurirwaho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Arikw imitima yabo irakomantara. Kuko gushitsa na bugingo n’ubu, ca citwikiro kikiriho mw isomwa ry’isezerano rya kera, ntikirakūrwaho, kuko muri Kristo ari ho giherera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 3:14
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu arabishura ati: “Ni mwebwe mwahawe kumenya amabanga y’ivy’Ubwami bw’ijuru, ariko bo ntibabihawe.


Yesu aramwishura ati: “Uri umuhirwe, Simoni mwene Yona, kuko ivyo ntubihishuriwe n’umuntu buntu afise inyama n’amaraso gusa, ariko ni Data wo mw’ijuru abiguhishuriye.


Ariko iyo atabona neza, umubiri wawe wose uca uba mu mwijima. Nimba wibaza ko ufise umuco kandi ari umwijima, umwijima uri muri wewe n’umuzitanya!


“Uhoraho yabagize impumyi akomantaza imitima yabo, kugira ngo amaso yabo ntabone, n’imitima yabo ntitahure, ngo boye kumpindukirira nanje ngo ndabakize.”


Naje nk’umuco uboneshereza iyi si, kugira ngo ntihagire abanyizera baguma mu mwijima.


Nuko Yesu abandanya yigisha ba bantu, ababwira ati: “Jewe ndi umuco w’isi. Uwunkurikira ntazogendera mu mwijima, ahubwo azoronka umuco w’ubugingo.”


Ibitabu vy’ivyagezwe n’ivy’abavugishwa n’Imana bihejeje gusomwa, abakuru b’isinagogi baca batuma umuntu ababaza ati: “Bene Data, nimwaba mufise ijambo ryo gutera intege ishengero, nimuhaguruke mwigishe.”


Kuko ivyagezwe vya Mose vyama vyigishwa kuva kera mu masinagogi no mu bisigara, bigasomwa buri sabato.”


Umwe mu bariko baratwumviriza yitwa Lidiya, yava i Tuwatira, akaba yari umudandaza w’impuzu z’agaciro kandi yubaha Imana. Nuko Umwami Imana yugurura umutima wiwe, yakira Ubutumwa Pawulo yariko aravuga.


kugira ngo ubugurure amaso, bave mu mwijima baje mu muco, ubakure mu bubasha bwa Satani ubazane ku Mana, baharirwe ivyaha vyabo, maze bahabwe ikibanza mu bejejwe babihawe no kunyizera.’


Bene Data, ndagomba ko mumenya iri banga ngira ndababwire kugira ngo bibarinde ubwibone. Bamwe mu Bisirayeli bafise imitima ikomantaye, ariko ivyo bizorangira igitigiri c’Abanyamahanga binjira mu gakiza gikwiye.


No gushika uno musi, iyo basomye ivyagezwe vya Mose, ico gitambara kiguma gipfutse imitima yabo, bituma badatahura.


Ni yo yatugize abakozi b’isezerano rishasha, isezerano ritavuye ku vyagezwe ariko rivuye kuri Mpwemu; kuko ivyagezwe birica ariko Mpwemu atanga ubugingo.


Imana yavuze iti: “Ahari umwijima nihabe umuco,” yatumye umuco wayo ukayangana mu mitima yacu kugira ngo turonke ugutahura ivy’ubwiza bw’Imana bukayanganira kuri Yesu Kristo.


Ubwenge bwabo buri mu mwijima kandi batandukanijwe n’ubugingo bw’Imana kubera ukutamenya kuri muri bo kuva ku gukomantara kw’imitima yabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ