Ariko Pawulo na Barunaba bahamara igihe kitari gito, bavugira Umwami Yesu bashize amanga, na we agashingira intahe Ubutumwa bw’Ubuntu bavuga, mu kubakoresha ibitangaza n’utwumiza.
Babonye ubushizi bw’amanga bwari muri Petero na Yohana, bakamenya ko batize, ahubwo ko ari abantu batobato, baratangara cane, ariko bamenya ko bagendanye na Yesu.
Ariko Baranaba aramufata amujana ku ntumwa, abasigurira ingene Sawuli yahuye n’Umwami Yesu ari mu nzira aja i Damasiko akavugana na we, n’ingene i Damasiko yigishije mw’izina rya Yesu ata bwoba.
Jewe Pawulo, ndabinginze n’umutima wiyoroheje no mu bugwaneza buva kuri Kristo, naho mwibaza ko ntari imvuzi imbere yanyu ariko nkabakarira iyo tutari kumwe.
Mfise ivyizigiro vyinshi ko ntazokwigera maramazwa, ariko ko nzokomeza gushira ubwoba, nk’uko namye. Kandi ndizera ko ubu n’ibihe vyose Kristo azokwama ahabwa icubahiro mu mubiri wanje, haba mu kubaho kwanje canke mu rupfu rwanje.