Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 3:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Ko dufise ivyo vyizigiro, dufise ugushira amanga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Nuko ko dufise icizigiro kingana girtyo, tuvuga tutabobotereza na gatoya,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 3:12
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abayuda bari aho baramukikuza, bamubaza bati: “Uzodutomorera ryari? Nimba uri Kristo, bitubwire neza.”


Ibi ndabibabwiye mu migani, ariko igihe kiraje aho ntazosubira kubigishiriza mu migani, ariko nzobabwira ivya Data ndabitomoye.


Maze abigishwa biwe baramubaza bati: “Ubu rero uriko uvuga udakoresheje imigani.


Ariko Pawulo na Barunaba bahamara igihe kitari gito, bavugira Umwami Yesu bashize amanga, na we agashingira intahe Ubutumwa bw’Ubuntu bavuga, mu kubakoresha ibitangaza n’utwumiza.


Babonye ubushizi bw’amanga bwari muri Petero na Yohana, bakamenya ko batize, ahubwo ko ari abantu batobato, baratangara cane, ariko bamenya ko bagendanye na Yesu.


Ariko Baranaba aramufata amujana ku ntumwa, abasigurira ingene Sawuli yahuye n’Umwami Yesu ari mu nzira aja i Damasiko akavugana na we, n’ingene i Damasiko yigishije mw’izina rya Yesu ata bwoba.


Yama avugana yongera aharira n’Abayuda bavuga Ikigiriki, ariko bo bakama barondera ingene bomwica.


Ariko mu rusengero, mpitamwo kuvuga amajambo yumvikana atanu arimwo inyigisho aho kuvuga amajambo ibihumbi cumi mu ndimi zitamenyekana.


Jewe Pawulo, ndabinginze n’umutima wiyoroheje no mu bugwaneza buva kuri Kristo, naho mwibaza ko ntari imvuzi imbere yanyu ariko nkabakarira iyo tutari kumwe.


Kandi nimba ivya kera bihera vyari vyuzuye ubwiza, mbega ibishasha bizohoraho ntibizorushiriza kugira ubwiza burengeje?


Ariko twamizako tuvuga Ubutumwa Bwiza, kuko turi muri Mpwemu umwe n’umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “Nabanje kwizera, ari na yo mpamvu navuze.”


Ndabizeye cane kandi ndabanezererewe cane. Mwaranteye intege cane, kandi mu mibabaro yose naciyemwo, umunezero wanje urasesekaye.


Kandi, bivuye ku kubohwa kwanje, bene Data ba hano barashize amanga mu Mwami, bituma bashobora kuvuga Ijambo ry’Imana bashize ubwoba.


Mfise ivyizigiro vyinshi ko ntazokwigera maramazwa, ariko ko nzokomeza gushira ubwoba, nk’uko namye. Kandi ndizera ko ubu n’ibihe vyose Kristo azokwama ahabwa icubahiro mu mubiri wanje, haba mu kubaho kwanje canke mu rupfu rwanje.


Musenge kugira ngo ndaryamamaze mu buryo butomoye, nk’uko ntegerezwa.


Nk’uko mubizi, twari twabanje kubabarizwa turongera ducokorerwa i Filipi, ariko Imana iduha gushira ubwoba, tubabwira Ubutumwa Bwiza naho twariko turagwanywa bikomeye.


Abadiyakoni bazoba bakoze neza imirimo yabo bazohabwa icubahiro, bazogira ugushira amanga mu kwizera bafise muri Kristo Yesu.


Ni co gituma, naho muri Kristo nari gushobora kugutegeka gukora ivyo utegerezwa gukora,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ