Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 3:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Mbega dusubiriye gutangura kwihayagiza? Canke dukeneye amakete yo kuduhayagiza mwandikirwa canke mwandika, nk’uko bamwe bayakenera?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Mbega dutanguye kwongera kwishimagiza? Canke turinda ivyete vyo kudushimagiza, mwandikiwe canke mwanditse, nk’uko bamwe bandi bagomba?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 3:1
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Apolo yipfuje kuja muri Akaya, bene Data bamutera intege, batako bandikira ikete abigishwa baho kugira baze bamwakire. Ashitseyo agirira ikimazi kinini abari barizeye ku bw’ubuntu bw’Imana,


Ndafise ivyiza mvuga kuri mwene Data Foyibe, umudiyakonikazi mu rusengero rw’i Kenkireya.


Na jewe ngerageza kunezereza bose mu vyo nkora vyose. Simpfa gukora ibimpimbara, ariko nkora ibihimbara abandi kugira benshi bashike ku gakiza.


Ninashika hiyo, nzokwandika amakete nzorungikana abo muzoba mwatoranije kugira batware infashanyo zanyu i Yerusalemu.


Kubera ubuntu nagiriwe n’Imana, nashizeho urufatiro nk’umwubatsi w’umuhinga, hanyuma haza uwundi na we akaba ariko ararwubakako. Ariko uwurwubakako wese yiyubare uburyo arwubakako.


Kuko naho mufise abarezi ibihumbi cumi muri Kristo, ntimufise ba so benshi, kuko ni jewe nabavyaje Ubutumwa Bwiza muri Kristo Yesu.


Ntitwubahuka kwiha ibibanza canke ngo twigereranye twebwe ubwacu nk’uko bamwe babigira. Abo bigereranya kuri bo ubwabo ni imburabwenge! Ntidushobora kuvuga ko turi ibitangaza nk’abo bababwira ko bahambaye cane. Bigereranya na bo nyene kandi bakigera kuri bo nyene. Ni imburabwenge.


kuko uwirata atari we yemerwa, ariko hemerwa uwushimwe n’Umwami.


Kuko naho nishimira ububasha Umwami wacu yaduhaye bwo kubakomeza atari ubwo kubasambura, ntibinteye isoni gukoresha ubwo bubasha.


Ndiko mvuga nk’imburabwenge, ariko ni mwebwe mwabitumye. Ni mwebwe mwari mukwiye kunshingira intahe kuko naho ata co ndi, sindi inyuma ya bose muri za ntumwa zihambaye.


Mbega mwibaza ko ibi tubivuga mu kubisigurako? Twamye tuvugira imbere y’Imana nk’abari muri Kristo Yesu. Kandi ivyo dukora vyose ga bakundwa, ni ukugira mukomere mu kwizera.


Twebwe ntituvuga ijambo ry’Imana turondera inyungu nk’uko benshi babigira. Ahubwo muri Kristo tuvuga ukuri kwo mu mitima yacu turi imbere y’Imana, nk’abatumwe na yo.


Ntituriko turondera kwemerwa namwe kandi, ariko dushaka kubaha akaryo ngo mwirate ku bwacu, kugira ngo muronke ico mwishura abishimira ibikorwa bihambaye bigaragarira amaso y’abantu ariko bitari mu mitima yabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ