6 Abenshi muri mwebwe mwaramugwanije kandi ico gihano yahawe kiramaze.
6 Ico gihano abenshi bāmuhannye, kiramaze k’ūmeze artyo,
Ni co gituma ndabandikira ibi tutari kumwe, kugira ngo ninaza sinze ndabakarire mu bubasha nahawe n’Umwami, kuko ari ububasha bwo kubakomeza atari ubwo kubasambura.
Nimurabe ico uwo mubabaro uvuye ku Mana wakoze muri mwebwe: wabateye umwete mwinshi, ishaka ryinshi ryo kugaragaza ko ata co mwagirizwa, kubabazwa n’akarenganyo, gutinya, inkumbu, ishaka, umwitwaririko wo kubona icaha gihanwa. Muri ivyo vyose mwarerekanye ko mwejejwe.
Ariko nihagira uwuguma mu vyaha, uzomwihanikirize mw’ishengero ry’abantu kugira ngo abandi na bo babone gutinya.