Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 2:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Ariko Imana ishimwe, yo yatugize imbohe zayo, ikaguma iturongora ubudasiba mu kwigina intsinzi ya Yesu. Iciye kuri twebwe, imenyekanisha Kristo kuri bose nk’umubavu umota neza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Arikw Imana ishimwe, yama itujana nk’abafashwe mpiri muri Kristo, idutera kwerekana ubumote bgo kumumenyekanisha ahantu hose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 2:14
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ibi ndabibabwiye kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Muri iyi si muzohagirira amarushwa menshi, ariko nimuhumure jewe naranesheje isi.”


Imbere ya vyose, nagomba gushimira Imana yanje ku bwa mwebwe mwese ndabicishije kuri Yesu Kristo, kuko ukwizera kwanyu kwamamaye mw’isi yose.


Abo bemejwe n’ubushobozi bwagaragariye mu bitangaza n’utwumiza hamwe n’ubushobozi bwa Mpwemu w’Imana. Uko ni ko navuze Ubutumwa Bwiza bwa Kristo kuva i Yerusalemu kugeza nshitse muri Ilurikumu.


Ariko, Imana ishimwe, kuko naho mwigeze kuba abagurano b’icaha, ubu mwarumviye n’imitima yanyu yose ukuri kuri mu nyigisho mwakiriye.


Ariko naho bimeze uko, dufise intsinzi yuzuye ku bwa Kristo yadukunze.


Bamwe bahawe na Mpwemu gutanga impanuro zirimwo ubwenge, abandi uwo Mpwemu nyene abaha ubumenyi budasanzwe,


Ico mubiba si urya mutumba w’igiterwa ukura, ahubwo ni imbuto zisanzwe, zaba ingano canke izindi mbuto.


Ariko Imana ishimwe, kuko iduha intsinzi muri Yesu Kristo.


Kandi namwe muzodushigikira mu masengesho, kugira ngo benshi bashime Imana ku bwacu, ku ngabire y’ubuntu yatugiriye mu kwishura amasengesho ya benshi.


Ndashima Imana yashize mu mutima wa Tito umwitwarariko nk’uwanje ku bwanyu.


Imana ishimwe ku bw’iyi ngabire yayo y’akaburarugero!


kandi mugendere mu nzira y’urukundo, nk’uko Kristo yadukunze akitanga ku bwacu ngo abe ubumote bwiza n’ikimazi bihabwa Imana.


mushimira vyose Imana Data imisi yose, mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo.


Ubu mfise ivyo nkeneye vyose, ndetse n’umusesekara, kuko naronse ingabire nyishi mwarungikanye Epafurodite. Zimeze nk’amavuta amotesha neza, ikimazi cemerwa, gihimbara Imana.


nimba vy’ukuri mwagumye mu kwizera, mushinzwe neza kandi mutanyiganyiga mu vyizigiro vyanyu biva mu Butumwa Bwiza. Ubwo ni bwo mwumvise kandi bwavuzwe mu vyaremwe vyose biri musi y’ijuru. Ubwo ni bwo jewe, Pawulo, nabereye umukozi.


Ubwo Butumwa Bwiza bwabashikiriye ni na bwo buriko burakwiragira kw’isi yose. Buriko burama ivyamwa bwongera bugwira, nk’uko vyagenze no muri mwebwe uhereye igihe mwabwumviye ubwa mbere, mugatahura ubuntu bw’Imana nk’uko bumeze vy’ukuri.


Yambuye ibigwanisho abakuru n’abatware, abateterereza ahabona mu maso ya bose, abaneshesheje uwo musaraba.


Ijambo ry’Umwami wacu ryarasamiranye riva iwanyu, ntiryashika i Makedoniya no muri Akaya gusa, ahubwo ukwizera Imana kwanyu kwaramenyekanye hose. Ni co gituma tutarinda kugira ico tubabwira ku vy’ukwo kwizera,


Mbega ni gute twoshimira Imana bikwiye umunezero dufise ku bwanyu?


Ndashaka ko abagabo aho bari hose basenga badugije ibiganza vyera, bataratse, batagira ibihari.


Kandi ivyo wanyumvanye hari ivyabona vyinshi, uzovyigishe abantu b’ukwizerwa, na bo bazoshobora kuvyigisha abandi.


bavuga bati: “Amen! Guhimbazwa, ubwiza, ubwenge, amashimwe, icubahiro, ububasha n’inkomezi, bibe ivy’Imana yacu ibihe vyose. Amen!”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ