Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 2:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Igihe naja i Tirowa kuvuga Ubutumwa Bwiza bwa Kristo, nasanze Imana yanyugururiyeyo imiryango yo kubikora.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Arikw aho naja i Tirowa, njanywe n’ubutumwa bgiza bga Kristo, ngasanga nugururiwe urugi mu Mwami wacu,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 2:12
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bashitse muri Antiyokiya, bakoranya ishengero baryiganira ivyo Imana yabakoresheje vyose, n’ukuntu yugururiye imiryango Abanyamahanga na bo bakizera.


Nuko tuva i Tirowa mu bwato turaramiriza gushika i Samotirake, ku musi ukurikira naho dushika i Neyapoli.


Icumba co hejuru twari twakoraniyemwo, carimwo amatara menshi.


Ndabandikiye jewe Pawulo, umugurano wa Kristo Yesu, nahamagariwe kuba intumwa, ntoranirizwa kuvuga Ubutumwa Bwiza bw’Imana,


kuko hariho akaryo keza ko gukorera Imana naho hari abangwanya benshi.


Nimba abandi babigisha bafise uburenganzira bwo kuronka ibibabeshaho muri mwebwe, mbega twebwe ntitwari dukwiye kuronka ibirenze? Ariko ntitwigeze duharanira ubwo burenganzira. Ahubwo turimenya muri vyose kugira ntitube inzitizi ku Butumwa Bwiza bwa Kristo.


Ni muri ubwo buryo nyene, Umwami yategetse ko abavuga Ubutumwa Bwiza bazotungwa n’ubwo Butumwa nyene.


Ariko iyo mvuze ubutumwa, sinshobora kuvyirata kuko mba nshikije itegeko ry’Imana. Noba ngowe ntavuze ubutumwa bwiza.


Ntidushobora kwishimira ibirenze aho, nk’aho twoba tutigeze kubagendera, kuko n’iwanyu twahashitse tuzanye Ubutumwa Bwiza bwa Kristo.


Kuko iyo hagize uwubigisha Yesu atari umwe twabigisha, canke mukaronka iyindi mpwemu itandukanye n’iyo mwakiriye ubwa mbere, canke mukaronka ubutumwa butandukanye n’ubwo mwemeye ubwa mbere, muravyihanganira.


Mbega nakoze icaha aho nicisha bugufi kugira ngo ndabakuze mu kubabwira Ubutumwa Bwiza bw’Imana ata co ndabasavye?


Kandi nimba Ubutumwa Bwiza tuvuga budatahuritse, ni ku bariko baraja mu mahonero bonyene.


Umwami w’iyi si yarahumishije ubwenge bw’abatizera, kugira ngo ntibabone umuco w’Ubutumwa Bwiza bw’ubwiza bwa Kristo, we shusho y’Imana.


Tumurungikanye n’uwundi mwene Data ashimwa n’amashengero yose ku bw’ibikorwa vyiwe vy’Ubutumwa Bwiza.


Kubera igikorwa mukora, bazohimbaza Imana kubera ukwumvira kwanyu guherekeza Ubutumwa Bwiza bwa Kristo muvuga, n’umutima w’urukundo mwerekana mu kubafasha no mu gufasha n’abandi na bo.


Kandi natwe mudusengere, kugira ngo Imana itwugururire umuryango wo kuvuga Ubutumwa, tumenyeshe abantu ibanga rya Kristo, iryo mbohewe.


duca tubarungikira Timoteyo ngo abagendere. Ni mwene Data akorera Imana hamwe natwe mu kuvuga Ubutumwa Bwiza bwa Kristo. Tumurungitse kugira ngo abakomeze, yongere abaremeshe mu kwizera kwanyu,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ