Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 13:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Ni co gituma ndabandikira ibi tutari kumwe, kugira ngo ninaza sinze ndabakarire mu bubasha nahawe n’Umwami, kuko ari ububasha bwo kubakomeza atari ubwo kubasambura.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Ni co gitumye mbandikira ivyo tutari kumwe, kugira ngo ni twaba kumwe noye kuzohambara, nk’uko nahawe ububasha n’Umwami wacu bgo kwubaka, ariko s’ubgo gusambura.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 13:10
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mbega mugomba nzobagendere nzanye inkoni yo kubahana? Canke icoba ciza ni uko noza mfise umutima w’urukundo n’ubugwaneza?


Nuko rero nimwakorana mw’izina ry’Umwami wacu Yesu, nanje nkabana namwe mu buryo bw’impwemu, ubushobozi bw’Umwami wacu buzoba buri hagati muri twebwe,


Mbaye ndabinginga hakiri kare kugira ngo ninaza sinzorinde kubakarira nk’uko nzokarira abibaza ko dukurikira inyungu z’abantu.


Ibigwanisho tugwanisha ntibimeze nk’ibigwanisho vy’iyi si. Ahubwo dufise ibigwanisho bifise ubushobozi buva ku Mana, bushobora gusambura ivyigize ibinani, no gusambura ivyiyumviro bibi.


Kuko naho nishimira ububasha Umwami wacu yaduhaye bwo kubakomeza atari ubwo kubasambura, ntibinteye isoni gukoresha ubwo bubasha.


Naraburiye abagumye mu vyaha igihe nabagendera ubwa kabiri. N’ubu ndabibasubiriyemwo n’aho tutari kumwe: ninagaruka, sinzokwihanganira umuntu n’umwe,


Kuko ata co twemerewe gukora kinyuranye n’ukuri, ariko dutegerezwa guhagararira ukuri.


Nabandikiye kurya kugira ngo ninaza sinzobabazwe n’abonteye umunezero. Ndizera neza ko iyo nezerewe munezeranwa nanje.


Ivyo dukora vyose tubikorana imitima itanduye, dufise ubwenge, dufise ukwihangana n’ubugwaneza biva kuri Mpwemu Yera, no mu rukundo atari uruheyiheyi.


Ivyo avuga ni vyo. Ni co gituma ukwiye kubihanikiriza ushimitse, kugira ngo bakomezwe mu kwizera kw’ukuri.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ