8 Ninginze Umwami Yesu incuro zitatu kugira ngo ayinkuremwo,
8 Kandi kur’ ivyo natakambiye Umwami wacu gatatu ngo kimvemwo.
Ivyo biba incuro zitatu, ca gitambara gica gisubira kuduzwa mw’ijuru.
Kandi Mpwemu Yera ni we adufasha mu ntege nke zacu. Mu vy’ukuri ntituzi ico dukwiye gusengera, ariko Mpwemu Yera aradusengera aniha iminiho idashobora gusigurwa n’amajambo.
Yesu akiri kw’isi, yarasenze kandi aringinga aboroga mbere anarira. Yasenga Imana yari ishoboye kumukiza urupfu. Imana yaramwumvise kuko yari aciye bugufi akayumvira mu bwizigirwa.