Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 12:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Kandi naho nohitamwo kwirata, sinoba nihenze kuko noba ndiko mvuga ivy’ukuri. Ariko mpisemwo kubireka kugira ngo ntihagire abanyiyumvira ukurengeye uko bambona mu bikorwa vyanje no mu vyo nigisha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Kandi nogomvye kwirata sinobaye nd’ igipfu, kuko noba mvuga ukuri. Ariko nsizeho kugira ngo ntihagire ūnyiyumvira ibiruta ivy’ ambonako cank’ ivy’ anyumvako.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 12:6
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mvuga ukuri nk’uwa Kristo simbesha; ijwi ryo mu mutima wanje na Mpwemu Yera biranshingira intahe:


Mbega Apolo ni iki, canke Pawulo ni iki? Ni abakozi b’Imana basanzwe babafashije mu gushika ku kwizera nk’uko Imana yakoresheje umwe umwe wese muri bo.


Nk’uko Imana ari umwizigirwa, ubutumwa bwacu ntibuvuga ngo “Egome” bisigura “Oya.”


Ndabisubiyemwo, ntihagire uwibaza ko ndi imburabwenge. Ariko nimba mwibaza ko ndi imburabwenge, nimunyumvirize nk’aho mwoba muriko mwumviriza imburabwenge, kugira ngo nanje nirate na gato.


Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, we akwiye gushimwa ibihe vyose, arazi ko mvuga ukuri.


Ndiko mvuga nk’imburabwenge, ariko ni mwebwe mwabitumye. Ni mwebwe mwari mukwiye kunshingira intahe kuko naho ata co ndi, sindi inyuma ya bose muri za ntumwa zihambaye.


Kugira ngo sinishire hejuru ku bw’ivyo neretswe vy’akaburarugero, nashizwemwo ingwara ibabaza kandi idakira mu mubiri, intumwa ya Satani yo kunsubiza hasi kugira ngo noye kwishira hejuru.


Nimba tuboneka nk’ibijuju, ni ukugira ngo duheshe Imana icubahiro. Ariko nimba tuboneka nk’abanyabwenge, ni ku neza yanyu.


Naramubwiye ingene nabanezererewe, kandi ntimwigeze mumaramaza. Ariko nk’uko ivyo twababwiye vyose vyari ivy’ukuri, n’ukubirata kwacu kuri Tito kwari ukw’ukuri.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ