2 Korinto 12:21 - Bibiliya mu Kirundi coroshe21 Ndatinya kandi ko aho nzozira Imana izoncisha bugufi imbere yanyu, nkababazwa cane n’uko bamwe muri mwebwe batahevye ivyaha vyabo bakora kuva kera. Ntibihanye ivyonona, ubusambanyi, n’ibindi vy’isoni nke bakora. အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)21 kandi yuko, aho nzozira, Imana yanje izosubira kuncisha bugufi muri mwebge, nanje nkazoririra benshi bācumuye kera, ntibihane ivyonona, n’ubushakanyi, n’ivy’ isoni nke bākoze. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |