Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 12:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Ndazi umuntu umwe, muri Kristo, yatwawe mw’ijuru rya gatatu, haraciye imyaka cumi n’ine. Sinzi ko yari mu mubiri canke atari mu mubiri, nta vyo nzi, Imana ni yo ibizi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Ndazi umuntu wo muri Kristo, yadūganywe akajanwa mw ijuru rya gatatu, ubu hashize imyaka cumi n’ine — namba yari mu mubiri simbizi; canke namb’ atāri mu mubiri simbizi, bizi Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 12:2
40 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Akiriko arabahezagira, aca abavamwo, aduzwa mw’ijuru.


Umuntu wese arya umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje aguma muri jewe nanje nkaguma muri we.


Intumwa zibimenye, zica zihungira mu bisagara vya Lusitira na Derube biri i Lukawoniya, no mu micungararo.


Maze kugaruka i Yerusalemu, umusi umwe ndi mu rusengero ndiko ndasenga nderekwa,


Muntahirize Apelesi, umugabo yagaragaje ko ari umwizigirwa kuri Kristo. Kandi muntahirize abo mu nzu kwa Arisitobulo.


Muntahirize Pirisila na Akwilasi, abakoranye nanje igikorwa ca Kristo Yesu.


Muntahirize Anduroniko na Yuniya, Abayuda bagenzanje twabanye mw’ibohero. Ni abantu bubashwe cane mu zindi ntumwa kandi barantanze kwizera Kristo.


Muntahirize Uribano, uwo dusangiye igikorwa muri Kristo, na Sitakusi nkunda cane.


Ubu rero, abari muri Kristo Yesu nta rubanza rukibatsinda.


Imana ni yo yabagize umwe na Kristo Yesu, we yatubereye ubwenge buva ku Mana. Ni we kugororoka kwacu, ukwera kwacu kandi ni we gucungurwa kwacu gukomokako.


Kubera iki mvuze uko? Mbega ni kubera ntabakunda? Haba na mba, n’Imana irabizi.


Mwisuzume kugira ngo mumenye ko muhagaze mu kwizera. Nimube ari mwebwe mwisuzuma. Musanzwe muzi ko Yesu Kristo ari muri mwebwe: atari uko, muzoba mwananiwe no kwisuzuma.


Kuko uwuri muri Kristo Yesu aba abaye icaremwe gishasha, ivya kera biba biheze, ibishasha biba bishitse.


Imana yahinduye icaha uwutigeze acumura ku neza yacu, kugira ngo muri we ducike ukugororoka kw’Imana.


Amashengero ya Kristo y’i Yudaya ntiyari anzi.


Kuko muri Kristo Yesu, ugukebwa canke ukudakebwa nta kimazi bifise. Igihambaye ni ukwizera gukorera mu rukundo.


Uwo yamanutse ni we nyene yaduze gushika hejuru ahasumba amajuru yose, kugira ngo yuzure ahantu hose.)


Hanyuma, natwe abazoba bakiriho, tuzoca tuduganwa mu bicu, dusanganire Umwami mu kirere. Ni ho tuzoca tubana n’Umwami ibihe bitazoshira.


Ko dufise Umuherezi Mukuru akomeye, ari we Yesu Umwana w’Imana, yashitse mw’ijuru imbere y’Imana, muze tugumye cane ivyo twizeye.


Kuko Kristo atinjiye Ahera h’Ahera hubatswe n’amaboko y’abantu, na kare ihema ryubatswe n’abantu ryari ikigereranyo c’ihema nyakuri riri mw’ijuru. Ahubwo yinjiye mw’ijuru ubwaryo kugira ngo aduserukire imbere y’Imana.


Maze ku musi w’Umwami Imana, ndi muri Mpwemu, numva ijwi rivugira inyuma yanje rimeze nk’iry’inzamba isamirana,


Uwo mugore aca avyara umwana w’umuhungu, kandi uwo azotwazanya umukazo amahanga. Uwo mwana aca arasahurwa ajanwa mw’ijuru ku Mana, hafi y’intebe y’inganji yayo.


Ako kanya nyene, ndi muri Mpwemu, mbona intebe y’inganji mw’ijuru, mbona n’uwuyicayeko.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ