Ni co gituma nabarungikiye Timoteyo, umwana wanje nkunda kandi w’umwizigirwa mu Mwami. Azobibutsa ingene mbayeho muri Kristo Yesu, nk’uko ndavyigisha hose mu mashengero yose.
Ni co gituma nabonye ko ari nkenerwa kwinginga bene Data ngo babagendere imbere y’uko nza kugira ngo batunganye neza ico gikorwa co gutanga mwiyemeje. Mubitegure nk’igikorwa kivuye mu rukundo, atari ico musunikiwemwo.