Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 12:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 None rero nzobaha ivyo mfise nongere ndabihe nanje ubwanje n’umunezero mwinshi. Ninabakunda rwose, mbega muzoca munkunda buhoro?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Kubganje nzonezererwa cane gutanga ivyanje, no kwitanga rwose, nitangira ubugingo bganyu. Mbega ko ndushiriza kubagirira urukundo, non’ urwo nkundwa rugabanuke?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 12:15
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ku bwa benewacu b’Abayuda. Nopfuma mba ikivume ngatandukana na Kristo, nimba ivyo vyotuma abo mu bwoko bwanje bakizwa.


muzodutahura neza, n’aho mutadutahura neza ubu, ariko umusi Umwami Yesu azogarukirako, nk’uko natwe tubanezererewe.


Kandi nimba turiko turaca mu mibabaro, ni ukugira ngo mwirurwe mwongere muronke agakiza; nimba twiruwe, ni ukugira ngo namwe mwirurwe maze mushobore kwihanganira imibabaro isa n’iyo turiko turacamwo.


Kubera iki mvuze uko? Mbega ni kubera ntabakunda? Haba na mba, n’Imana irabizi.


Ndiko nditegurira kubagendera irya gatatu, kandi na ho nyene sinzobaremera, kuko ico ngomba si ivyo mutunze, ngomba mwebwe nyene. Kuko mu bisanzwe abana si bo bari bakwiye kugaburira abavyeyi, ahubwo abavyeyi ni bo bagaburira abana babo.


ariko anyishura ati: “Ubuntu bwanje buraguhaje, kuko ubushobozi bwanje bukorera muri wewe cane iyo uri mu ntege nke.” Ni co gituma nirata cane intege nke zanje, kugira ngo ubushobozi bwa Kristo bugume kuri jewe.


Nabandikiye kurya kugira ngo ninaza sinzobabazwe n’abonteye umunezero. Ndizera neza ko iyo nezerewe munezeranwa nanje.


Ni ukuvuga ko urupfu rukorera muri twebwe, kugira ngo ubugingo bukorere muri mwebwe.


Turabinginze ngo mutwugururire imitima yanyu. Nta we twacumuyeko, kandi nta we twazimije, kandi nta we twarondeyeko inyungu.


Ibi sindiko ndabivuga mu kubacira urubanza. Nababwiye ko muri mu mitima yacu, kandi ko turi kumwe namwe dupfa canke tubaho.


Mugomba kurondera ukwemerwa n’Imana mu kwubahiriza imisi mikuru, amezi, ibihe n’imyaka?


Kandi naho ndi hafi gutanga ubuzima bwanje ngo busukwe nk’ishikanwa ry’ikinyobwa ku kimazi, ari vyo bikorwa biva mu kwizera kwanyu, ndabinezererewe kandi nezeranywe namwe mwese.


Ubu nezererewe imibabaro ndiko ndacamwo ku bwanyu. Mu mubiri wanje, ndiko ndashitsa ibisigaye ku mibabaro ya Kristo ku bw’umubiri wiwe, ari ryo Shengero.


Twarabakunze cane bituma tutababwira Ubutumwa Bwiza bw’Imana gusa, ahubwo twabahaye n’ubuzima bwacu na bwo.


Ni co gituma nihanganira vyose ku bw’abatoranijwe, kugira ngo na bo baronke agakiza kari muri Kristo Yesu, hamwe n’ubwiza butazoshira.


Mugamburukire abarongozi banyu kandi mukore ivyo babategeka, kuko barinda imitima yanyu, kandi bazobibazwa n’Imana. Muborohereze kugira ngo babikorane umunezero, ata mubabaro, kuko ivyo nta ciza vyobazanira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ