Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 12:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Ndiko nditegurira kubagendera irya gatatu, kandi na ho nyene sinzobaremera, kuko ico ngomba si ivyo mutunze, ngomba mwebwe nyene. Kuko mu bisanzwe abana si bo bari bakwiye kugaburira abavyeyi, ahubwo abavyeyi ni bo bagaburira abana babo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Ehe niteguye kuza i wanyu ubugira gatatu: sinzobabera ikirusha. Kukw atar’ ivyanyu ndondera ariko ni mwebge ubganyu ndondera: kukw abana badakwiye kuziganiriza abavyeyi, arikw abavyeyi ni bo bakwiye kuziganiriza abana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 12:14
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Sinigeze nipfuza ifeza, inzahabu canke impuzu vy’umuntu n’umwe.


Ntihakagire uwurondera ineza yiwe gusa, ariko twiteho no kugirira abandi neza.


Na jewe ngerageza kunezereza bose mu vyo nkora vyose. Simpfa gukora ibimpimbara, ariko nkora ibihimbara abandi kugira benshi bashike ku gakiza.


Uwuzokwumva ashonje cane azofungure iwe kugira ngo yoye kwikwegera gutsindwa n’urubanza. Ku bindi bibazo mwanyandikiye, nzobaha inyishu ninashika iwanyu.


Nzobagendera mvuye i Makedoniya kuko nipfuza gucayo.


Ariko, Umwami Imana niyabikunda, nzobagendera vuba, kandi sinzokwumviriza gusa amajambo y’abo bantu b’ubwibone, ahubwo nzorondera kumenya nimba bakoreshwa n’ubushobozi bw’Imana.


Nimba abandi babigisha bafise uburenganzira bwo kuronka ibibabeshaho muri mwebwe, mbega twebwe ntitwari dukwiye kuronka ibirenze? Ariko ntitwigeze duharanira ubwo burenganzira. Ahubwo turimenya muri vyose kugira ntitube inzitizi ku Butumwa Bwiza bwa Kristo.


Mbega impera yanje ni iyihe? Ni uko mvuga Ubutumwa Bwiza ata we ndemereye, ntahagaze ku burenganzira nari mfise nk’umuvugabutumwa.


N’aho ndi uwidegemvya nkaba ntajakariye umuntu n’umwe, nigira umugurano ku bantu bose kugira ngo nshobore kuzana benshi kuri Kristo.


Kuko nari nzi neza ko mudutahura kandi mukatwizera, nari nateguye kubagendera kugira ngo mugirirwe ubuntu kabiri.


Kandi igihe nari kumwe namwe ngakena, nta we nigeze ndemera, kuko bene Data baje bava i Makedoniya bamfashishije ivyo nari nkeneye vyose. Namye nirinda kuremera umuntu n’umwe mu kintu na kimwe, kandi nzokwama ukwo.


Mbega hari ico ayandi mashengero yaronse mwebwe mutaronse? Hariho kimwe gusa, sinabaremereye ku bijanye n’ivyo kwibeshaho. Nimba mubona ko bitari vyiza, muranyihanganira.


Bana banje nkunda, abo nama ndiko ndatera ibise n’ubu kuzoshika igihe Kristo azogaragarira neza muri mwebwe,


None rero, bene Data, abo nkunda kandi nipfuza cane kubona, mwebwe munezero wanje n’igitsibo canje, muhagarare mushikamye mu Mwami Yesu, bakunzi banje.


Ibi sindabivugishijwe no gushaka ibindi, ariko nipfuje kubashimira ku neza mwangiriye.


Murazi ingene twafata umwe umwe wese muri mwebwe nk’uko umuvyeyi afata abana biwe.


Twarabakunze cane bituma tutababwira Ubutumwa Bwiza bw’Imana gusa, ahubwo twabahaye n’ubuzima bwacu na bwo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ