Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 11:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Kandi igihe nari kumwe namwe ngakena, nta we nigeze ndemera, kuko bene Data baje bava i Makedoniya bamfashishije ivyo nari nkeneye vyose. Namye nirinda kuremera umuntu n’umwe mu kintu na kimwe, kandi nzokwama ukwo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 kand’ aho nari kumwe namwe ngakena, sinagize uwo ngōra: kuko bene Data bavuye i Makedoniya bāmmaze ubukene. Muri vyose nirinda kubagora, kandi nzoshishikara kuvyirinda.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 11:9
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kubera ko bari basangiye umwuga wo kujisha amahema, yaciye abana na bo, barakorana.


Silasi na Timoteyo bashitse i Korinto bavuye i Makedoniya, Pawulo aca ahebera umwanya wiwe wose igikorwa co kuvuga Ubutumwa Bwiza, ashingira intahe Abayuda ko Yesu ari we Kristo.


Sinigeze nipfuza ifeza, inzahabu canke impuzu vy’umuntu n’umwe.


Amashengero y’i Makedoniya no muri Akaya yahimbawe no kwegeraniriza imfashanyo abakene bo mu bizera b’i Yerusalemu.


Naranezerewe cane numvise ko Setefana, Forotunate na Akayiko bashitse ngaha. Bamfashishije ivyo nari nkeneye vyose mu kibanza canyu.


Mu vyo dukora vyose, twerekana ko turi abakozi b’Imana b’ukuri mu kwihanganira amarushwa, imibabaro, n’ivyago vy’ubwoko bwose:


Ico gikorwa ntikizofasha mu kuronsa abera ivyo bakeneye gusa, ariko kizotuma banahimbaza Imana n’umunezero mwinshi muriko muragikora.


Ariko, nabonye ko ari vyiza kurungika Epafurodite akagaruka iwanyu. Ni mwene Data vy’ukuri akorana nanje kandi agwanana nanje intambara. Mwamundungikiye nk’intumwa kugira ngo amfashe mu vyo nari nkeneye.


Ntitwigeze na rimwe turondera guhabwa icubahiro n’abantu, baba mwebwe, canke uwundi muntu uwo ari we wese, naho nk’intumwa za Kristo twari twemerewe kugira ivyo tubasavye dukoresheje ububasha dufise.


Nta nkeka, bene Data, ko mwibuka uburuhe n’ukubabazwa vyacu; ingene twakora ijoro n’umurango kugira ngo ntihagire umuntu n’umwe turemera igihe twariko tubabwira Ubutumwa Bwiza bw’Imana.


Hari abishwe batewe amabuye, abandi bahimburwamwo kubiri n’imisumeno, abandi bicishwa inkota. Hari abayerera bambaye insato z’intama n’iz’impene, ata co bafise, bahahazwa kandi bafatwa nabi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ