Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 11:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Nshobora kuba ntari imvuzi ariko simbuze ubumenyi, kandi ivyo twarabiberetse neza mu buryo bwose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Naho nd’umutungu mu majambo, sind’ umutungu mu bgenge, kand’ ivyo twarabiberetse muri vyose no mu maso ya bose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 11:6
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko Kristo ntiyantumye kubatiza, ariko yantumye kuvuga Ubutumwa Bwiza, ntakoresheje amajambo y’ubwenge bw’abantu, kugira ngo simpindure ubusa ubushobozi bw’umusaraba wa Kristo.


Kuko Imana mu bwenge bwayo yabonye ko ab’isi batoyimenya bakoresheje ubwenge bwabo, ni co gituma yahisemwo gukirisha abizera amajambo y’Ubutumwa Bwiza, ayo bamwe bita ubujuju.


Bamwe bahawe na Mpwemu gutanga impanuro zirimwo ubwenge, abandi uwo Mpwemu nyene abaha ubumenyi budasanzwe,


Ivyo tubabwira ntitubivugisha ubwenge bw’abantu, ariko tubabwira ivyo duhawe na Mpwemu, tukabivuga mu kuri kwa Mpwemu, dukoresheje n’amajambo duhawe na Mpwemu.


kuko bamwe muri mwebwe bavuga bati: “Amakete ya Pawulo aragumye kandi arimwo uburake. Ariko iyo ari kumwe natwe aboneka nk’umunyantege nke adakwiye no kwumvirizwa.”


Igihe nari kumwe nawe, naraberetse vy’ukuri ko ndi intumwa. Kuko mu kwihangana kwinshi nakoze ibimenyetso n’ibitangaza muri mwebwe.


Ariko twahevye ibiterasoni vyose twakora twinyegeje; ntidukoresha ubugunge, ntitugoramika ijambo ry’Imana. Ahubwo tuvugira ukuri ahabona, kugira ngo abantu bamenye abo turi imbere y’Imana.


Nuko rero kuko tuzi ico ari co kwubaha Umwami, dukora ibishoboka ngo twemeze abantu. Ico turi kiragaragarira Imana, kandi nizera ko namwe kibagaragarira mu mitima yanyu.


Ivyo dukora vyose tubikorana imitima itanduye, dufise ubwenge, dufise ukwihangana n’ubugwaneza biva kuri Mpwemu Yera, no mu rukundo atari uruheyiheyi.


Turabinginze ngo mutwugururire imitima yanyu. Nta we twacumuyeko, kandi nta we twazimije, kandi nta we twarondeyeko inyungu.


Nimwasoma ibi rero, muzoshobora gutahura uguhishurirwa mfise kw’iryo banga rya Kristo,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ