30 Nimba nokwirata, nzokwirata ku bw’ibingaragaza nk’umunyantege nke.
30 Namba nkwiye kwirata, nirata ivy’ intege nke zanje.
Ico gihe Yesu agendagenda mu ntara yose ya Galilaya yigishiriza mu masinagogi yaho, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami, akiza abantu ingwara zose n’ubumuga bwose.
Naje iwanyu ndi umunyantege nke, mfise ubwoba, kandi mpinda agashitsi.
Birabereye ko mbandanya nirata naho ata co bimaze. Ariko ubu reka ndababwire ivyo neretswe kandi namenyeshejwe n’Umwami.
Ubu nezererewe imibabaro ndiko ndacamwo ku bwanyu. Mu mubiri wanje, ndiko ndashitsa ibisigaye ku mibabaro ya Kristo ku bw’umubiri wiwe, ari ryo Shengero.