Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 11:25 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 nakubiswe inkoni incuro zitatu, rimwe naratewe amabuye, namenekanywe n’ubwato incuro zitatu, namaze umusi n’ijoro mu kiyaga,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Ibihe bitatu nakubiswe ingāge; igihe kimwe natewe amabuye; ibihe bitatu ubgato bgarammenekanye, naraye mw idamba nirirwaho;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 11:25
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

hanyuma bamushikirize Abanyamahanga kugira bo bamushinyagurire, bamushishagure, hanyuma bamubambe ku musaraba. Ariko ku musi ugira gatatu, azozuka!”


Abo barimyi bafata abo bakozi, uwa mbere baramukubita, uwa kabiri baramwica, uwa gatatu bamutera amabuye arapfa.


Maze haca haza Abayuda bari bavuye i Antiyokiya no muri Ikoniyo, bosha abari aho bose, batera amabuye Pawulo, bamukwegera inyuma y’igisagara bibwira ko yapfuye.


Mu nyuma, Abayuda n’Abanyamahanga bamwe, bari kumwe n’abatware babo, baja inama yo kugirira nabi intumwa no kuzicisha amabuye.


Iyo saha, muri iryo joro nyene, aca abajana kuboza ibikomere vyabo, maze we n’abo mu nzu yiwe bose baca barabatizwa.


Ariko Pawulo na Silasi baramwishira bati: “Badutonaguriye imbere y’abantu tutanaburanye kandi urubanza rwadutsinze kandi turi Abaroma, bagirako baduta mw’ibohero, none bagomba kuturekura mu mpisho? Ntibishoboka! Nibaze bo nyene ubwabo, babe ari bo batwirekurira.”


wa mukuru w’abasoda aca ategeka ko Pawulo ajanwa mw’ikambi, bakamusambisha bamukubita kugira ngo bamenye igituma abantu bose bahagurukiye rimwe kumwiyamiriza.


uzigamye neza ukwizera, ata jwi rikwagiriza mu mutima. Kuko bamwe baritaye n’ibigirankana, ukwizera kwabo kuba imburakimazi nk’ubwato busavye.


Hari abishwe batewe amabuye, abandi bahimburwamwo kubiri n’imisumeno, abandi bicishwa inkota. Hari abayerera bambaye insato z’intama n’iz’impene, ata co bafise, bahahazwa kandi bafatwa nabi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ