Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 11:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Nta gitangaje rero, n’abakozi biwe bashobora kwigira abakozi b’abagororotsi. Ku muhero wa vyose bazoronka impera ihwanye n’ibikorwa bakora.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Nuko s’ikigoye kw abakozi biwe na bo bīgira nk’abakozi b’ukugororoka: iherezo ryabo rizohwana n’ibikorwa vyabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 11:15
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

amubwira ati: “Uri umwana wa wa mubi, umwansi w’ivyiza vyose! Uzogeza ryari kubuza abantu kugororokera Umwami?


Imana “izoha umuntu wese ingero ikwiranye n’ibikorwa yakoze.”


Mbere hariho n’abatubeshera ngo tuvuga ko dukwiye gucumura cane, kugira ngo havemwo ivyiza! Abavuga ivyo bazocirwa urubanza rubakwiriye.


Ko twababivyemwo imbuto mu buryo bw’impwemu, ntitwari dukwiye kubimburamwo ivyokurya vy’umubiri?


Kuko abo bantu si intumwa z’ukuri, ni ababeshi bigira intumwa za Kristo.


Mbega ni abakozi ba Kristo? (Nataye ubwenge kubona ndiko mvuga uku) Ndabaruta. Nakoze cane kubasumvya, nashizwe mw’ibohero kenshi, nakubiswe kenshi katoharurwa, nahatswe gupfa kenshi.


Nimba igikorwa cadutsindisha cari cisakaje ubwiza, mbega igikorwa kituzanira ukugororoka ntikizorushiriza kwambara ubwiza?


Kuko mu ntambara yacu ntituriko tugwana n’abafise umubiri n’amaraso, ariko tugwana n’abatware babi, n’abafise ububasha b’ahantu tutabona, n’abanyabushobozi bo mw’isi y’umwijima hamwe rero n’impwemu mbi z’ahantu ho mw’ijuru.


Iherezo ryabo ni ukurandurwa. Imana yabo ni inda yabo, kandi ivyobateye isoni ni vyo bihimbaro vyabo. Nta kindi biyumvira atari ivy’iyi si gusa.


Mu gukunda amaronko kwabo, bazobakuramwo inyungu bakoresheje amajambo y’uruhendo. Igihano cabo carateguwe kuva kera, kandi uguhona kwabo ntigutevye.


Ibi ndabivuze kuko hari abantu batubaha Imana binjiye muri mwebwe binyegeje, bakigisha ko ubuntu bw’Imana butwemerera kugendera mu buhumbu. Igihano c’abantu nk’abo cari caravuzwe mu Vyanditswe kuko bahakana Yesu Kristo, ari we Databuja wenyene n’Umwami.


Kubera ubwo bubasha cahawe bwo gukora ibimenyetso n’ibitangaza ku bwa ca gikoko ca mbere, kizimiza ababa kw’isi. Gitegeka ababa kw’isi gukora igishushanyo ca ca gikoko ca mbere cari carakomerekejwe cane n’inkota, ariko kigakira.


Ico gikoko casa n’ingwe, ariko kikagira ibinono nk’ivy’idubu n’umunwa nk’uw’intambwe. Ca gisato gica giha ububasha bwaco ico gikoko, kigiha n’intebe y’inganji n’ubutware buhambaye.


Umwami wazo yari umumarayika w’i kuzimu, izina ryiwe mu Giheburayo ni Abadoni, mu Kigiriki ni Apoluwoni, bisigura Umuranduzi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ