14 Ariko nta gitangaje kuko na Satani yigira umumarayika w’umuco.
14 Kand’ ivyo ntibitangaza, kuko na Satani yīgira umumarayika w’umuco.
Ariko ndatinya ko nk’uko Eva yahenzwe n’ubugunge bw’inzoka, namwe Satani ashobora kuzimiza ubwenge bwanyu mukava mu kwiha Kristo gutunganye kwanyu.
kugira ngo Satani ntaronke aho adufatira, kuko turazi ivyo yiyumvira.
Ariko, naho yoba twebwe, canke umumarayika avuye mw’ijuru, akaza ababwira Ubutumwa butandukanye n’ubwo twababwiye, umuvumo w’Imana ube kuri we!
Kuko mu ntambara yacu ntituriko tugwana n’abafise umubiri n’amaraso, ariko tugwana n’abatware babi, n’abafise ububasha b’ahantu tutabona, n’abanyabushobozi bo mw’isi y’umwijima hamwe rero n’impwemu mbi z’ahantu ho mw’ijuru.
mushima Data yabashoboje gusangira n’abera biwe umugabane mu bwami bw’umuco.
Yaradukijije adukura mu bubasha bw’umwijima, adushira mu bwami bw’Umwana wiwe akunda.
Ca gisato, ari co kiyoka ca kera citwa Umubi canke Satani, uwuzimiza isi yose, gikororerwa kw’isi n’abamarayika baco bose.