Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 11:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Ndababwije ukuri kwa Kristo aba muri jewe: nta muntu n’umwe wo mu ntara ya Akaya yombuza kwirata ivyo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Uk’ ukuri kwa Kristo kuri muri jewe, nta wuzombuza kwirata ntyo mu ntāra zo muri Akaya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 11:10
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Igihe Galiyo yatwarira Kayisari muri Akaya, Abayuda bahuje umutima n’inama kugwanya Pawulo, bamutwara ku bacamanza


Apolo yipfuje kuja muri Akaya, bene Data bamutera intege, batako bandikira ikete abigishwa baho kugira baze bamwakire. Ashitseyo agirira ikimazi kinini abari barizeye ku bw’ubuntu bw’Imana,


Imana nkorera n’umutima wanje wose mu kuvuga Ubutumwa Bwiza bw’Umwana wayo, ni yo cabona ko ntahengeshanya kubibuka


Muntahirize ishengero rikoranira mu nzu yabo. Muntahirize umukunzi wanje Epayineto, uwabaye uwa mbere mu bizeye Yesu Kristo mu ntara ya Aziya.


Mvuga ukuri nk’uwa Kristo simbesha; ijwi ryo mu mutima wanje na Mpwemu Yera biranshingira intahe:


Murazi ko abo mu muryango wa Setefana ari bo bizeye ubwa mbere muri Akaya, baca bihebera gukorera abizera: ndabinginze rero bene Data,


Jewe Pawulo, intumwa ya Kristo Yesu; yabihawe n’ugushaka kw’Imana, hamwe na mwene Data Timoteyo, Turabandikiye mwebwe ishengero ry’Imana ry’i Korinto, hamwe n’abera bose bo muri Akaya:


Imana ni yo ntanzeko icabona, ndahiye ubuzima bwanje, ko ivyo ndababwira ari ukuri. Igituma ntagarutse i Korinto, kwari ukugira ngo sindabateko ishavu.


Kandi ntidushobora no kwirata ngo turondere kwemerwa ku bw’ibikorwa vyakozwe n’abandi. Ivyizigiro vyacu ni uko ukwizera kwanyu kuzobandanya gukura, igikorwa cacu muri mwebwe kikaguka,


Nzobandanya nkora igikorwa canje muri mwebwe kugira ngo mbuze icitwazo abarondera ivyitwazo vyo kwirata ko bangana natwe mu vyo dukora.


Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, we akwiye gushimwa ibihe vyose, arazi ko mvuga ukuri.


Mbega mwibaza ko ibi tubivuga mu kubisigurako? Twamye tuvugira imbere y’Imana nk’abari muri Kristo Yesu. Kandi ivyo dukora vyose ga bakundwa, ni ukugira mukomere mu kwizera.


kuko ndazi inyota mufise yo gufasha. Namye ndavyirata kw’ishengero ry’i Makedoniya, ndababwira ko kuva mu mwaka uheze mwebwe abo muri Akaya mwari mwamaze kuvyitegurira, kandi ishaka ryanyu ni ryo ryatumye benshi bo mw’ishengero ry’i Makedoniya batangura gutanga.


Ndi imbere y’Imana sinshobora kubesha, ivyo ndabandikiye ni ukuri.


si jewe nkiriho; ariko ni Kristo ariho muri jewe. Nkiri muri uwu mubiri, mbayeho mu kwizera Umwana w’Imana yankunze akitanga ku bwanje.


Namwe muri ivyabona hamwe n’Imana, vy’ingene twigenza hagati yanyu, twejejwe, tugororotse kandi turi inyankamugayo rwose.


Murazi ko tutigeze na rimwe dukoresha amajambo asosa, canke ngo tugerageze kwiyerekana uko tutari, twironderera amaronko. Imana ni yo cabona cacu.


Ni co gituma natowe nk’umuvuzi w’ubwo Butumwa nkongera nkaba intumwa, kugira ngo nigishe Abanyamahanga ivy’ukwizera n’ivy’ukuri. Mvuze ukuri sindengeje urugero.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ