Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 11:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Nizera ko muzokwihanganira ubupfu bwanje. Ndabinginze munyihanganire.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Icompa mukanyihanganira ku bupfu buciyemwo, kandi n’ubgo muranyihanganira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 11:1
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu yishura avuga ati: “Yemwe bantu b’iki gihe mutizera kandi mwononekaye mu mitima, nzobana namwe gushika ryari? Nzobihanganira kugeza ryari? Nzanira uwo mwana hano.”


Ariko Pawulo agira afate ijambo, Galiyo abwira Abayuda ati: “Yemwe Bayuda, iyo muba mwariko mumwagiriza ikibi canke icaha gikomeye, vyari kwumvikana ko nkwiye gufata umwanya nkabumviriza.


Pawulo asubizayo ati: “Umwanya waba muto canke munini, nta co bitwaye. Ico nsaba Imana n’uko atoba wewe gusa, ariko n’abariko baranyumviriza bose uwu musi bomera nkanje, uretse iyi minyororo.”


Kuko Imana mu bwenge bwayo yabonye ko ab’isi batoyimenya bakoresheje ubwenge bwabo, ni co gituma yahisemwo gukirisha abizera amajambo y’Ubutumwa Bwiza, ayo bamwe bita ubujuju.


Ntimwihende! Nimba muri mwebwe hari uwibaza ko ari umunyabwenge afatiye ku rugero rw’ubwenge bwo mw’isi, yari akwiye kuba ikijuju kugira ngo ashobore kuba umunyabwenge w’ukuri,


Turi ibijuju ku bwa Kristo, ariko mweho mwigira abanyabwenge muri Kristo. Turi abanyantegenke, ariko mweho mwigira abanyenkomezi. Muri abanyacubahiro, ariko twebwe turakengeretse.


Mwibaza ko mukwije vyose! Mwibaza ko mumaze gutunga! Muramaze no kuba abami tutari kumwe! Icompa mukaba abami vy’ukuri kugira ngo tuganzanye namwe.


Muri vyose mwibaza ko muri incabwenge kandi muryoherwa no kwakira imburabwenge.


Numva mfise isoni zo kubabwira ko umenga twagize intege nke muri mwebwe, kubona tutigenjeje gutyo! Ariko nimba hari uwufise ico yokwubahuka kwirata, nanje ndagifise (ndabivugishijwe n’ubupfu).


Kuko iyo hagize uwubigisha Yesu atari umwe twabigisha, canke mukaronka iyindi mpwemu itandukanye n’iyo mwakiriye ubwa mbere, canke mukaronka ubutumwa butandukanye n’ubwo mwemeye ubwa mbere, muravyihanganira.


Ndiko mvuga nk’imburabwenge, ariko ni mwebwe mwabitumye. Ni mwebwe mwari mukwiye kunshingira intahe kuko naho ata co ndi, sindi inyuma ya bose muri za ntumwa zihambaye.


Nimba tuboneka nk’ibijuju, ni ukugira ngo duheshe Imana icubahiro. Ariko nimba tuboneka nk’abanyabwenge, ni ku neza yanyu.


Kuko na we ubwiwe ari umunyantege nke mu buryo bwinshi, arashobora gutahura abantu bagendera mu butamenya bagakora ibitari vyo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ