Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 10:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Ibigwanisho tugwanisha ntibimeze nk’ibigwanisho vy’iyi si. Ahubwo dufise ibigwanisho bifise ubushobozi buva ku Mana, bushobora gusambura ivyigize ibinani, no gusambura ivyiyumviro bibi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 kukw ibirwanishwa vy’intambara yacu atar’ ivyo mu buryo bg’umubiri, arikw imbere y’Imana bifise ubushobozi bgo gushingūra akarimbi,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 10:4
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Mose yigishwa ubwenge bwose bw’Abanyegiputa, kandi aba uwuhambaye mu mvugo no mu ngiro.


Ijoro riritereye, bugira buce. Kubera ivyo, twiyambure ibikorwa vy’umwijima, twambare ibigwanisho vy’umuco.


Ntihakagire urugingo na rumwe rw’umubiri wanyu ruheberwa icaha, ngo rube igikoresho c’ibibi. Ahubwo, mwihe Imana rwose, nk’abazutse bavuye mu bapfuye. Imibiri yanyu muyihindure ibikoresho vyo kugororoka ku bw’icubahiro c’Imana.


kugira ngo ukwizera kwanyu ntiguhagarare ku bwenge bw’abantu, ahubwo guhagarare ku bushobozi bw’Imana.


Ni nde yoba umusoda hanyuma agategerezwa kwibeshaho? Ni nde yotera uruzabibu hanyuma ntarye ivyamwa vyarwo? Ni nde yoragira amasho hanyuma ntanywe amata yayo?


Kuko naho nishimira ububasha Umwami wacu yaduhaye bwo kubakomeza atari ubwo kubasambura, ntibinteye isoni gukoresha ubwo bubasha.


Ni co gituma ndabandikira ibi tutari kumwe, kugira ngo ninaza sinze ndabakarire mu bubasha nahawe n’Umwami, kuko ari ububasha bwo kubakomeza atari ubwo kubasambura.


Ntitwibaza ko dushoboye gukora ikintu na kimwe ku bw’inkomezi zacu, ariko Imana ni yo idushoboza gukora vyose.


Ariko twebwe ubwacu tumeze nk’udukono tumeneka turimwo ubwo butunzi buhebuje. Ni co cerekana ko ubushobozi buhambaye bukorera muri twebwe buva ku Mana, atari kuri twebwe.


Twigisha Ijambo ry’Imana mu bwizigirwa no mu kuri kwaryo, kandi ubushobozi bw’Imana bukorera muri twebwe. Twitwaje ibigwanisho vy’ukugororoka mu kuryo no mu kubamfu.


Ariko ko turi ab’umurango, muze tugendane ubwenge, twambaye ukwizera n’urukundo nk’icuma gikingira igikiriza, n’ivyizigiro vy’agakiza nk’inkofero y’icuma.


Timoteyo, mwana wanje, aya ni yo mabwirizwa ndaguhaye, mfatiye ku majambo yigeze kukuvugishwako, kugira ngo niwayakurikiza uze ugwane intambara nziza,


Wifatanye nanje mu kwihanganira imibabaro, nk’umusoda mwiza wa Kristo Yesu.


Ukwizera ni kwo kwatumye Abisirayeli bazunguruka Yeriko imisi indwi, maze inzitiro z’ico gisagara zirasenyuka.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ