Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 10:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Naho tuba muri iyi si, ntitugwana nk’ab’iyi si.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Naho turi n’umubiri ntiturwana mu buryo bg’umubiri,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 10:3
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Igihe twari tukiganjwe na kamere muntu kacu ka kera, ivyipfuzo vy’ivyaha vyishimikiza ivyagezwe bigakorera mu mibiri yacu, kandi ivyo twakora vyose vyadushikana ku rupfu.


Kuko nimba murongorwa na kamere kanyu k’icaha muzopfa, ariko nimba Mpwemu yarabashoboje kwica ibikorwa bibi vya kamere muntu kanyu ka kera, muzobaho.


Ivyo yabikoze kugira ngo dushobore gushitsa ivyo ivyagezwe bisaba, kuko tutakirongorwa na kamere kacu k’icaha, ariko turongorwa na Mpwemu.


Mbega nkibitegura sinari navyiyumviriyeko? Mbega nabaye nk’ab’isi bavuga “Egome” ariko mu mitima yabo ari “Oya”?


Ibigwanisho tugwanisha ntibimeze nk’ibigwanisho vy’iyi si. Ahubwo dufise ibigwanisho bifise ubushobozi buva ku Mana, bushobora gusambura ivyigize ibinani, no gusambura ivyiyumviro bibi.


si jewe nkiriho; ariko ni Kristo ariho muri jewe. Nkiri muri uwu mubiri, mbayeho mu kwizera Umwana w’Imana yankunze akitanga ku bwanje.


Timoteyo, mwana wanje, aya ni yo mabwirizwa ndaguhaye, mfatiye ku majambo yigeze kukuvugishwako, kugira ngo niwayakurikiza uze ugwane intambara nziza,


Nagwanye intambara nziza, narangije urugendo, nazigamye ukwizera.


Ni co gituma, ko dukikijwe n’isinzi ry’ivyabona bingana gutyo, dukwiye kwiyambura ibintu vyose bituboha bikatubuza kubandanya hamwe n’icaha kitwizingirako vyoroshe, maze dusiganwe n’umwete mw’ihiganwa Imana yashize imbere yacu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ