Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 10:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Ntitwubahuka kwiha ibibanza canke ngo twigereranye twebwe ubwacu nk’uko bamwe babigira. Abo bigereranya kuri bo ubwabo ni imburabwenge! Ntidushobora kuvuga ko turi ibitangaza nk’abo bababwira ko bahambaye cane. Bigereranya na bo nyene kandi bakigera kuri bo nyene. Ni imburabwenge.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Kuko tutubahuka kwishira mu gitigiri ca bamwe bishimagiza, canke kwigereranya na bo: arikw abo, ko bīrēhēsha ubgabo kandi bīgereranya ubgabo, nta bgenge bagira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 10:12
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Wa Mufarisayo ahagarara ukwiwe, asenga avuga ati: ‘Mana ndagushima ko ntameze nk’abandi: abasuma, inkozi z’ikibi, abasambanyi, kandi simeze nk’urya mutozakori.


Yamara rero nta kintu mfise nokwirata kiretse ico Kristo yankoresheje mu majambo no mu bikorwa, kugira ngo nshikane Abanyamahanga ku kwumvira Imana.


Abavuga uko bakwiye kumenya ko uko turi muri ayo makete tutari kumwe na we ari ko tuzoba tumeze mu bikorwa vyacu nitwaba kumwe namwe.


kuko uwirata atari we yemerwa, ariko hemerwa uwushimwe n’Umwami.


Mbega dusubiriye gutangura kwihayagiza? Canke dukeneye amakete yo kuduhayagiza mwandikirwa canke mwandika, nk’uko bamwe bayakenera?


Ntituriko turondera kwemerwa namwe kandi, ariko dushaka kubaha akaryo ngo mwirate ku bwacu, kugira ngo muronke ico mwishura abishimira ibikorwa bihambaye bigaragarira amaso y’abantu ariko bitari mu mitima yabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ