Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 1:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Ivyizigiro vyacu ku bwanyu birahamye, kuko turazi ko mufatanya natwe mu mibabaro yacu, kandi ko muzokwiruranwa natwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Kand’ ivyo tubazigako birashikamye, kuko tuzi yuko, ko musangiye natwe iyo mibabaro, dusangiye n’ukuyirurwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 1:7
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

hanyuma mukavuga muti: Iyo tuba twariho mu gihe ca ba sogokuru, ntituba twarifatanije na bo mu gusesa amaraso y’abavugishwa.


Nta kibagerageza cabashikiye kidashikira abandi. Kandi Imana ni iyo kwizigirwa, ntizobareka ngo mugeragezwe n’ivyo mudashobora kwihanganira. Mu gihe co kugeragezwa, izobacira inzira kugira ngo mushobore kuvyihanganira.


muzodutahura neza, n’aho mutadutahura neza ubu, ariko umusi Umwami Yesu azogarukirako, nk’uko natwe tubanezererewe.


Kuko ndatinya ko noza nkabasanga uko ntipfuza ko muba, canke mugasanga ntameze uko mushaka ko mba. Ndatinya ko hoba hakiri imitongano, inzigo, ishari ryinshi, ukwikunda, ugutukana, urusaku, ukwishira hejuru n’ukubura urutonde mu buzima.


Ubu ndanezerewe kubona nararibandikiye, atari kubera ryabababaje, ariko kubera umubabaro ryabateye watumye mwihana mugaheba inzira zanyu mbi. Ni wo mubabaro Imana ishaka ku bantu bayo, ari na co gituma, mu buryo bumwe canke ubundi, atari twebwe twabababaje.


Nitwihangana, tuzoganzanya na we. Nitwamwihakana, na we azotwihakana.


Urazi uguhamwa n’imibabaro naciyemwo. Urazi ingene nahamwe ndi muri Antiyokiya, Ikoniyo n’i Lusitira. Ariko aho hose Umwami Imana yagiye arankiza.


Harahiriwe umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko inyuma y’ukugeragezwa, niyarama azohabwa igitsibo c’ubugingo Imana yasezeraniye abayikunda.


Jewe Yohana, mwene So mfatanije namwe mu mibabaro, mu Bwami bw’Imana no mu kwihangana, ivyo duhamagarirwa muri Yesu, nari najanywe mw’izinga rya Patimo mporwa ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ