Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 1:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Kuko nk’uko turushirizaho gusangira imibabaro na Kristo, ni na ko tuzorushiriza gusangira ukwirurwa na we.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Nk’ukw ivyo Kristo yababajwe vyarushirije kutuzako, ni ko n’ukwirurwa kwacu kwarushirije kugwizwa na Kristo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 1:5
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

I Yerusalemu hari umugabo yitwa Simeyoni, yari umugororotsi kandi yubaha Imana. Yari yiteze kubona ukwirurwa kwa Isirayeli, kandi Mpwemu Yera yari kuri we.


Maze agwa hasi, yumva ijwi rimubwira riti: “Sawuli, Sawuli, uriko umpamira iki?”


Kandi ko turi abana, turi n’abaragwa: turi abaragwa b’Imana, abaraganwa na Kristo. Ariko nimba dushaka gusangira na we ubwiza bwiwe, dutegerezwa gusangira n’umubabaro wiwe na wo.


Mfise ivyizigiro vyinshi ko ntazokwigera maramazwa, ariko ko nzokomeza gushira ubwoba, nk’uko namye. Kandi ndizera ko ubu n’ibihe vyose Kristo azokwama ahabwa icubahiro mu mubiri wanje, haba mu kubaho kwanje canke mu rupfu rwanje.


Nimba hari ukuremeshwa muronka muri Kristo, nimba hari ukwirurwa kuva mu rukundo rwiwe, nimba hari ugufatanya muri Mpwemu, nimba hari ubugwaneza n’impuhwe,


Nipfuza kumenya Kristo no kumenya burya bushobozi bwamuzuye mu bapfuye no gusangira na we imibabaro yiwe, nse na we no mu rupfu rwiwe,


Ubu nezererewe imibabaro ndiko ndacamwo ku bwanyu. Mu mubiri wanje, ndiko ndashitsa ibisigaye ku mibabaro ya Kristo ku bw’umubiri wiwe, ari ryo Shengero.


Urazi uguhamwa n’imibabaro naciyemwo. Urazi ingene nahamwe ndi muri Antiyokiya, Ikoniyo n’i Lusitira. Ariko aho hose Umwami Imana yagiye arankiza.


Ahubwo, mushimire Imana kuko muhawe gusangira na Kristo imibabaro yababajwe, kuko muzogira umunezero wuzuye niyahishurwa mu bwiza bwiwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ