Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 1:23 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Imana ni yo ntanzeko icabona, ndahiye ubuzima bwanje, ko ivyo ndababwira ari ukuri. Igituma ntagarutse i Korinto, kwari ukugira ngo sindabateko ishavu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Arikw Imana ni yo ntanzekw icabona ku bugingo bganje, icatumye ntongera kuza i Korinto, kwar’ ukwanka kubababaza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 1:23
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Inyuma y’ivyo Pawulo aca ava muri Atenayi aja i Korinto.


Kirisipo, umukuru w’isinagogi n’abo mu nzu yiwe bose bizera Umwami Imana, kandi ab’i Korinto benshi bumvirije Pawulo barizera, bongera barabatizwa.


Imana nkorera n’umutima wanje wose mu kuvuga Ubutumwa Bwiza bw’Umwana wayo, ni yo cabona ko ntahengeshanya kubibuka


Mvuga ukuri nk’uwa Kristo simbesha; ijwi ryo mu mutima wanje na Mpwemu Yera biranshingira intahe:


Mbega mugomba nzobagendere nzanye inkoni yo kubahana? Canke icoba ciza ni uko noza mfise umutima w’urukundo n’ubugwaneza?


maze uwo muntu muze mumuhe Satani kugira ngo akamere k’icaha kiwe karanduke, ariko impwemu yiwe izorokoke ku musi w’Umwami Imana.


Jewe Pawulo, intumwa ya Kristo Yesu; yabihawe n’ugushaka kw’Imana, hamwe na mwene Data Timoteyo, Turabandikiye mwebwe ishengero ry’Imana ry’i Korinto, hamwe n’abera bose bo muri Akaya:


Nk’uko Imana ari umwizigirwa, ubutumwa bwacu ntibuvuga ngo “Egome” bisigura “Oya.”


Mbaye ndabinginga hakiri kare kugira ngo ninaza sinzorinde kubakarira nk’uko nzokarira abibaza ko dukurikira inyungu z’abantu.


Ndababwije ukuri kwa Kristo aba muri jewe: nta muntu n’umwe wo mu ntara ya Akaya yombuza kwirata ivyo.


Kubera iki mvuze uko? Mbega ni kubera ntabakunda? Haba na mba, n’Imana irabizi.


Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, we akwiye gushimwa ibihe vyose, arazi ko mvuga ukuri.


Kuko ndatinya ko noza nkabasanga uko ntipfuza ko muba, canke mugasanga ntameze uko mushaka ko mba. Ndatinya ko hoba hakiri imitongano, inzigo, ishari ryinshi, ukwikunda, ugutukana, urusaku, ukwishira hejuru n’ukubura urutonde mu buzima.


Ni co gituma ndabandikira ibi tutari kumwe, kugira ngo ninaza sinze ndabakarire mu bubasha nahawe n’Umwami, kuko ari ububasha bwo kubakomeza atari ubwo kubasambura.


Naraburiye abagumye mu vyaha igihe nabagendera ubwa kabiri. N’ubu ndabibasubiriyemwo n’aho tutari kumwe: ninagaruka, sinzokwihanganira umuntu n’umwe,


Ivyo dukora vyose tubikorana imitima itanduye, dufise ubwenge, dufise ukwihangana n’ubugwaneza biva kuri Mpwemu Yera, no mu rukundo atari uruheyiheyi.


Ndi imbere y’Imana sinshobora kubesha, ivyo ndabandikiye ni ukuri.


Imana ni yo yomenya ingene ndabakunda n’ingene nipfuza kubabona n’umutima w’inkumbu ziva kuri Kristo Yesu.


Murazi ko tutigeze na rimwe dukoresha amajambo asosa, canke ngo tugerageze kwiyerekana uko tutari, twironderera amaronko. Imana ni yo cabona cacu.


Bamwe muri abo ni Humenayo na Alegizandere, abo nahaye Satani kugira ngo bibigishe kutavuga ibibi ku Mana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ