Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 1:22 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 idushirako ikimenyetso co kuba abayo, igashira Mpwemu wayo mu mitima yacu nk’ingwati y’ivyo yadusezeraniye vyose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Kandi ni yo yadushizekw ikimenyetso, itugwatiriza Mpwemu wayo mu mitima yacu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 1:22
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko uwemera intahe yiwe wese aba yemeje ko Imana ivuga ukuri.


Ntimugakorere ivyokurya bibora, ahubwo nimukorere ivyokurya bihoraho kandi bitanga ubugingo budashira, ivyo Umwana w’Umuntu azobaha, kuko Imana Data ari we yahaye ububasha bwo gukora ivyo.”


Yakebwe mu nyuma, kandi ukwo gukebwa kwiwe cari ikimenyetso cerekana ko kubera ukwizera kwiwe, Imana yari yaramaze kumwemera nk’uwugororotse imbere yuko akebwa. Gutyo, mu buryo bw’impwemu Aburahamu ni we sekuruza w’abizera bose naho boba batakebwe, kandi Imana irabemera ko bagororotse, kubera ukwizera kwabo.


Ariko si vyo vyonyene biniha; natwe abizera, naho dufise Mpwemu Yera muri twebwe nk’ivyeze ubwa mbere vy’ubwiza tuzohabwa, turaniha mu mitima yacu kuko turindiranye igishika kugirwa abana b’Imana bwegu, ari kwo gucungurwa kw’imibiri yacu.


Ariko mweho, ntimurongorwa na kamere k’icaha, murongorwa na Mpwemu, nimba Mpwemu w’Imana aba muri mwebwe. Kandi umuntu wese adafise Mpwemu wa Kristo, si uwa Kristo.


Imana ni yo nyene yabiduteguriye, ica iduha na Mpwemu wayo nk’ingwati yemeza ibizoza.


Kandi ntimukababaze Mpwemu Yera w’Imana, uwo mwahawe nk’ikidodo cemeza ko muri abiwe, ku bwa wa musi aho muzocungurirwa.


Ni co gituma uwanse kugendera izi nyigisho ataba yanse umuntu, ariko aba yanse Imana, yo ibaha Mpwemu wayo Yera.


Ariko, imfatiro zikomeye zashizweho n’Imana zirashimangiye. Zanditsweko aya majambo ngo: “Uhoraho arazi abiwe”; kandi ngo: “Abatura izina ry’Uhoraho bose bave mu kugabitanya.”


Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwuzonesha nzomuha kurya kuri manu yahishijwe. Nzomuha kandi ibuye ryera ryanditseko izina rishasha; ntawuzomenya iryo zina kiretse uwuzohabwa iryo buye.


“Ntiwonone isi canke ikiyaga canke ibiti tutarashira ikimenyetso mu gahanga abakoreye Imana yacu.”


Nuko izo nzige zitegekwa kutonona ivyatsi, ibiterwa canke ibiti, ariko zitegekwa kubabaza ababa kw’isi bose badafise ikimenyetso c’Imana ku ruhanga.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ