Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 1:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Iki ni co twishimira: nk’uko umutima wacu ubishingira intahe, twigenjeje neza mw’isi, na canecane muri mwebwe, mu kwezwa no mu kuri biva ku Mana, turongowe n’ubuntu bw’Imana, atari ubwenge bw’abantu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Kuk’ ukwirata kwacu ar’ uku, kand’ ijwi ryo mu mitima yacu rirabishingira intahe: ingeso twagirira mw isi, kandi cane‐cane muri mwebge, zar’ ukwera, n’imitima itagira ubugunge iva ku Mana, atari mu bgenge bg’abantu, ariko mu buntu bg’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 1:12
40 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Pawulo ahanga amaso Inama Nkuru y’Abayuda ababwira ati: “Bavukanyi, gushika uno musi, namye ngendera imbere y’Imana, ata jwi rinyagiriza ikibi.”


Ni co gituma nkora ibishoboka vyoshe kugira namane umutima utanyagiriza ikibi na kimwe imbere y’Imana n’imbere y’abantu.


Mvuga ukuri nk’uwa Kristo simbesha; ijwi ryo mu mutima wanje na Mpwemu Yera biranshingira intahe:


Kuko Kristo ntiyantumye kubatiza, ariko yantumye kuvuga Ubutumwa Bwiza, ntakoresheje amajambo y’ubwenge bw’abantu, kugira ngo simpindure ubusa ubushobozi bw’umusaraba wa Kristo.


Bamwe bahawe na Mpwemu gutanga impanuro zirimwo ubwenge, abandi uwo Mpwemu nyene abaha ubumenyi budasanzwe,


Ariko ndi uwo ndi kubera ubuntu bw’Imana, kandi ubwo buntu ntibwapfuye ubusa. Nakoze cane gusumba izindi ntumwa, ariko ntiyari jewe, bwari ubuntu bw’Imana bwakorera muri jewe.


Ivyo tubabwira ntitubivugisha ubwenge bw’abantu, ariko tubabwira ivyo duhawe na Mpwemu, tukabivuga mu kuri kwa Mpwemu, dukoresheje n’amajambo duhawe na Mpwemu.


Mu mutima wanje nta jwi rinyagiriza ikibi, ariko ivyo ntibisigura ko nera. Umwami Imana ni we ancira urubanza.


Ni co gituma dukwiye guhimbaza uwo musi mukuru tudakoresheje imikate irimwo umwambiro wa kera, ari wo mwambiro w’ubugunge n’ubukozi bw’ikibi, ariko dukoresheje imikate itarimwo umwambiro, ari yo mikate itagira uburyarya kandi irimwo ukuri.


Mbega nkibitegura sinari navyiyumviriyeko? Mbega nabaye nk’ab’isi bavuga “Egome” ariko mu mitima yabo ari “Oya”?


Ariko ndatinya ko nk’uko Eva yahenzwe n’ubugunge bw’inzoka, namwe Satani ashobora kuzimiza ubwenge bwanyu mukava mu kwiha Kristo gutunganye kwanyu.


Twebwe ntituvuga ijambo ry’Imana turondera inyungu nk’uko benshi babigira. Ahubwo muri Kristo tuvuga ukuri kwo mu mitima yacu turi imbere y’Imana, nk’abatumwe na yo.


Ariko twahevye ibiterasoni vyose twakora twinyegeje; ntidukoresha ubugunge, ntitugoramika ijambo ry’Imana. Ahubwo tuvugira ukuri ahabona, kugira ngo abantu bamenye abo turi imbere y’Imana.


Ibi sindabibabwira nk’itegeko, ariko nshaka kumenya ko urukundo rwanyu atari uruheyiheyi tugereranije n’umwete ayandi mashengero afise.


Umwe wese yari akwiye kwisuzuma mu bikorwa vyiwe, kugira ngo asanze yakoze neza bimushimishe, ariko ntabanze kwigereranya n’abandi,


Nuko mushikame, mukenyeje umukanda w’ukuri, mwambaye icuma gikingira igikiriza ari kwo kugororoka,


kugira ngo mushobore kumenya neza iciza kurusha ibindi ico ari co, mutanduye kandi mutagira umugayo gushika aho Kristo azogarukira.


Namwe muri ivyabona hamwe n’Imana, vy’ingene twigenza hagati yanyu, twejejwe, tugororotse kandi turi inyankamugayo rwose.


Intumbero y’inyigisho ni ukugira ngo abizera buzure urukundo ruva mu mitima itunganye, itarimwo ijwi ribagiriza ikibi, bafise ukwizera nyakwo.


Muri vyose ubabere akarorero mu gukora ivyiza. Ivyo wigisha vyose bibonekemwo ubwizigwa no kudafata ibintu minenegwe.


Mudusengere. Imitima yacu nta kibi itwagiriza kandi dushaka gukora vyose mu buryo bwiza.


Ariko ubuntu iduha burarengeye. Ni co gituma Ivyanditswe bivuga ngo: “Imana igwanya abibona ariko ikagirira ubuntu abaciye bugufi.”


Mubikorane umutima utabagiriza ikibi, kugira ngo n’ababavuga nabi bazomaramare babonye ingeso zanyu nziza muri Kristo.


Kandi uwo mwuzure ni ishusho y’umubatizo, ubakiza namwe uno musi. Si mu buryo bwo kubakurako imvyiro zo ku mubiri, ahubwo ni mu buryo bwo kwitaba umuhamagaro w’Imana n’umutima ukeye. Ivyo bishoboka kuko Yesu Kristo yazutse mu bapfuye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ