Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 1:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Jewe Pawulo, intumwa ya Kristo Yesu; yabihawe n’ugushaka kw’Imana, hamwe na mwene Data Timoteyo, Turabandikiye mwebwe ishengero ry’Imana ry’i Korinto, hamwe n’abera bose bo muri Akaya:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Paulo, intumwa ya Kristo Yesu, nk’ukw Imana yagomvye, na Timoteyo mwene Data, turabandikiye abo mw ishengero ry’Imana ry’i Korinto, n’abera bose bari muri Akaya hose:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 1:1
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Pawulo ashika i Derube, hanyuma aja i Lusitira, aho umwigishwa yitwa Timoteyo yaba. Nyina yari Umuyudakazi yizera, ariko se yari Umugiriki.


Amashengero y’i Makedoniya no muri Akaya yahimbawe no kwegeraniriza imfashanyo abakene bo mu bizera b’i Yerusalemu.


Timoteyo, uwo dukorana, arabaramutsa, co kimwe na Lukiyo, Yasoni na Sosipateri Abayuda bagenzanje.


Muntahirize ishengero rikoranira mu nzu yabo. Muntahirize umukunzi wanje Epayineto, uwabaye uwa mbere mu bizeye Yesu Kristo mu ntara ya Aziya.


Ntihakagire uwo mutsitaza, yaba Umuyuda canke Umugiriki, canke abo mw’ishengero ry’Imana.


Timoteyo niyashika hiyo, muzomwakire neza kugira agubwe neza muri mwebwe, kuko ariko akora igikorwa c’Umwami co kimwe nanje.


Murazi ko abo mu muryango wa Setefana ari bo bizeye ubwa mbere muri Akaya, baca bihebera gukorera abizera: ndabinginze rero bene Data,


Kandi bamwe muri mwebwe bari bameze nk’abo. Ariko mwarogejwe, murezwa, mwongera mwemerwa n’Imana nk’abagororotsi mw’izina ry’Umwami Yesu Kristo, mubihawe na Mpwemu w’Imana yacu.


Mu Mwana w’Imana Yesu Kristo, uwo twe na Silasi na Timoteyo twabigishije, ntiharimwo “Egome” na “Oya,” muri we ni “Egome” gusa.


Imana ni yo ntanzeko icabona, ndahiye ubuzima bwanje, ko ivyo ndababwira ari ukuri. Igituma ntagarutse i Korinto, kwari ukugira ngo sindabateko ishavu.


Ndababwije ukuri kwa Kristo aba muri jewe: nta muntu n’umwe wo mu ntara ya Akaya yombuza kwirata ivyo.


kuko ndazi inyota mufise yo gufasha. Namye ndavyirata kw’ishengero ry’i Makedoniya, ndababwira ko kuva mu mwaka uheze mwebwe abo muri Akaya mwari mwamaze kuvyitegurira, kandi ishaka ryanyu ni ryo ryatumye benshi bo mw’ishengero ry’i Makedoniya batangura gutanga.


Jewe Pawulo intumwa, ntatumwe n’abantu kandi bidaciye ku muntu n’umwe, ariko natumwe na Yesu Kristo n’Imana Data yamuzuye mu bapfuye,


Mwese muri abana b’Imana kubera kwizera Kristo Yesu,


Jewe Pawulo, intumwa ya Kristo Yesu, kubera ugushaka kw’Imana, Ndabandikiye mwebwe abera bo muri Efeso, abizigirwa ba Kristo Yesu:


Jewe Pawulo na Timoteyo abakozi ba Kristo Yesu, Turabandikiye mwese abera bo muri Kristo Yesu muri i Filipi, hamwe n’abarongozi b’ishengero n’abadiyakoni bose:


Twebwe Pawulo, Silasi na Timoteyo, Turabandikiye, mwebwe abo mw’ishengero ry’i Tesalonike bari mu Mana Data no mu Mwami Yesu Kristo: Ubuntu n’amahoro bibane namwe.


duca tubarungikira Timoteyo ngo abagendere. Ni mwene Data akorera Imana hamwe natwe mu kuvuga Ubutumwa Bwiza bwa Kristo. Tumurungitse kugira ngo abakomeze, yongere abaremeshe mu kwizera kwanyu,


Twebwe Pawulo, Silasi na Timoteyo, Turabandikiye mwebwe ishengero ry’i Tesalonike riri mu Mana Data no mu Mwami Yesu Kristo:


Jewe Pawulo, intumwa ya Kristo Yesu ku bw’ugushaka kw’Imana yo Mukiza wacu, na Kristo Yesu we vyizigiro vyacu,


Jewe Pawulo, intumwa ya Yesu Kristo, natoranijwe mu kugomba kw’Imana, ndabihawe n’isezerano ry’ubuzima riri muri Kristo Yesu,


Jewe Pawulo, umukozi w’Imana n’intumwa ya Yesu Kristo ku bw’ukwizera kw’abatoranijwe n’Imana n’ukumenya ukuri gushikana ku kugororoka,


Jewe Pawulo, imbohe ya Kristo Yesu, na mwene Data Timoteyo, Turakwandikiye wewe Filemoni, mwene Data dukunda cane kandi dusangiye ibikorwa,


Ndashaka ko mumenya ko mwene Data Timoteyo yarekuwe atakiri mw’ibohero. Niyashika aho ndi vuba, tuzozanana kubaramutsa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ