7 Hari ivyabona bitatu bishinga intahe:
7 Kandi Mpwemu ni we abishingira intahe, kuko Mpwemu ar’ ukuri.
Akiriko aravuga, haza igicu cera derere kirabatwikira. Hanyuma ijwi ryumvikanira muri ico gicu, rivuga riti: “Uwu ni Umwana wanje nkunda cane kandi ampimbara. Nimumwumvirize!”
Ariko, niyanka kukwumviriza, urondere abandi bene So, ari umwe canke babiri, kugira ngo ukore nk’uko ivyagezwe biri, aho bivuga ngo: ‘urubanza rwose ruze rucibwe habanje kwumvirizwa ivyabona bibiri canke bitatu.’
Nuko nimugende, muhindure amahanga yose abigishwa: mubabatize mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’irya Mpwemu Yera,
Mu ntango ya vyose, Jambo yariho. Uwo Jambo yari kumwe n’Imana, kandi yari Imana.
Kandi twe na Data turi umwe.”
Data, hesha izina ryawe icubahiro.” Nuko ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru riti: “Nararihesheje icubahiro, kandi nzosubira ndariheshe icubahiro.”
ni we Mpwemu w’ukuri. Isi ntishobora kumwakira, kuko itamubona kandi itamuzi. Ariko mwebwe muramuzi, kuko abana namwe kandi azoba muri mwebwe.
Ariko nzobarungikira Umwitsa, ari we Mpwemu w’ukuri azoza avuye kwa Data. Uwo niyaza, azonshingira intahe.
Nk’uko Data afise ubugingo muri we, ni ko yahaye Umwana kugira ubwo bugingo muri we.
Jewe ndishingira intahe, kandi na Data yantumye arayinshingira.”
Yesu arabishura ati: “Nimba niha icubahiro, icubahiro canje nta co kimaze. Data, uwo muvuga ko ari Imana yanyu, ni we ampa icubahiro.
None rero, amaze gushika i buryo bw’Imana, yakiriye Mpwemu Yera, uwo Data yari yarasezeranye, hanyuma asuka ivyo muriko murabona kandi mwumva.
Ivyo twebwe turabishingira intahe, kandi na Mpwemu Yera arabishingira intahe, uwo Imana yahaye abamwumvira.”
Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo, urukundo rw’Imana n’ukunywana na Mpwemu Yera bibane namwe mwese.
Ico tubabwira ni Jambo w’ubugingo yamyeho kuva mu ntango; uwo twumvise tukamubona n’amaso yacu, uwo twihweje kandi twakozeko n’iminwe yacu.
Uwo Yesu Kristo ni we yaje akiyerekana biciye mu kubatizwa mu mazi no mu gusesa amaraso yiwe ku musaraba; si amazi gusa, ni amazi n’amaraso. Kandi Mpwemu Yera ni we abishingira intahe, kuko Mpwemu ni ukuri.
Mpwemu, amazi n’amaraso; kandi uko ari bitatu bishinga intahe imwe.
Yari yambaye ikanzu yinitswe mu maraso, kandi izina ryiwe ni Jambo w’Imana.