Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Yohana 5:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Ibi ndabibandikiye mwebwe mwizeye izina ry’Umwana w’Imana kugira ngo mumenye ko mufise ubugingo budashira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Ivyo ndabibandikiye, mwebge mwizeye izina ry’Umwana w’Imana, kugira ngo mumenye yuko mufise ubugingo budashira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Yohana 5:13
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko abamwakiriye bose, bakizera izina ryiwe, yabaye uburenganzira bwo guhinduka abana b’Imana.


Yesu ari i Yerusalemu ku Musi mukuru wa Pasika, abantu benshi baramwizeye babonye ibitangaza akora.


Ariko ibi vyanditswe kugira ngo mwizere ko Yesu ari Kristo, Umwana w’Imana, kandi kugira ngo mumaze kwizera muronke ubugingo mw’izina ryiwe.


Uwo mwigishwa ni we ashingira intahe ivyo kandi ni na we yavyanditse. Kandi turazi ko intahe yiwe ari iy’ukuri.


Uwizeye Umwana w’Imana ntashobora gutsindwa n’urubanza. Ariko uwutamwizera wese aramaze gutsindwa n’urubanza, kuko atizeye izina ry’Umwana w’ikinege w’Imana.


Ndababwire ukuri, umuntu wese yumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, afise ubugingo budashira. Kandi uwo ntazotsindwa n’urubanza, ahubwo aramaze kuva mu rupfu aja mu bugingo.


Biciye mu kwizera izina rya Yesu, uwu muntu yakize. Ni izina rya Yesu n’ukwizera kuva kuri we vyamukijije neza nk’uko muvyibonera mwese.


Nta wundi agakiza karonkerwamwo, kuko ata rindi zina twahawe musi y’ijuru ryo gukirizwamwo.”


Turazi neza ko iri ihema tubamwo ari wo mubiri wacu niwapfa ugakurwa kuri iyi si tuzoronka inyubakwa iva ku Mana, inzu izokwamaho yo mw’ijuru, itubatswe n’amaboko y’abantu.


Kuko turi abana bayo, Imana yarungitse Mpwemu w’Umwana wayo mu mitima yacu. Ni we Mpwemu atuma dusemerera tuvuga tuti: “Aba, Data.”


Iri kete rigufi ndaryanditse mfashijwe na Silasi, uwo mfata nka mwene Data w’umwizigirwa, kugira ngo ndabatere intege kandi ndabamenyeshe ko ivyo muriko muracamwo ari ubuntu bw’Imana bw’ukuri. Nuko muhagarare mushikamye muri ubwo buntu.


Ibi tuvyanditse kugira ngo umunezero wacu ube uwuzuye.


Bana banje nkunda, ndabandikiye ibi kugira ngo ntimukore icaha. Ariko bishitse umuntu agacumura, turafise uwutuburanira imbere ya Data: ni Yesu Kristo Umugororotsi.


Sindabandikiye kuko mutazi ukuri, ariko ndabandikiye kuko mukuzi kandi kubera ata kinyoma kiva mu kuri.


Kandi ico Kristo yadusezeraniye ni ubugingo budashira.


Ibi ndabibandikiye kugira ngo ndabagabishe ku bijanye n’abashaka kubazimiza.


Ibwirizwa ryayo ni iri: ko twizera izina ry’Umwana wayo, Yesu Kristo, kandi tugakundana nk’uko yadutegetse.


Uku ni ko Imana yatweretse urukundo rwinshi idukunda: yatumye umwana wayo w’ikinege mw’isi kugira ngo tugire ubugingo budashira ku bwiwe.


Umuntu wese yizera Umwana w’Imana arazi mu mutima wiwe ko iyo intahe ari iy’ukuri. Ariko umuntu wese atizera Imana aba ayigize umubeshi, kuko atizeye intahe Imana yashingiye Umwana wayo.


Iyo ntahe na yo ni iyi: Imana yaduhaye ubugingo budashira, kandi ubwo bugingo buri mu Mwana wayo.


Turazi kandi ko Umwana w’Imana yaje akaduha ugutahura, kugira ngo tumenye Imana nyakuri. Ubu turi mu Mana nyakuri kuko turi mu Mwana wayo, Yesu Kristo. Ni we Mana nyakuri kandi ni we bugingo budashira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ