Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Yohana 4:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Kandi uko tuba mu Mana, urukundo rwacu rurushiriza kuba urwuzuye. Ivyo bituma tutazogira ubwoba ku musi w’imanza, kuko muri ino si tubayeho nk’uko Yesu Kristo yabayeho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Ico ni co kimaze guhīngūra urukundo muri twebge, kugira ngo tuze dushire ubgoba ku musi w’amateka, kuk’ ukw ari, ari ko turi mur’ iyi si.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Yohana 4:17
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ndababwire ukuri: ku musi w’imanza, ibihugu vya Sodomu na Gomora bizogira agahengekerezo kurusha ico gisagara.


Umwigishwa akwiye kugera ku rugezo rw’umwigisha wiwe, kandi umukozi akwiye kugera ku rugezo rwa shebuja. Nimba umukuru w’inzu bamwise Beyelizebuli, mbega abo mu nzu yiwe ntibazorushiriza kubita gutyo!


Ni co gituma ndababwiye ko ku musi w’imanza i Tiro n’i Sidoni hazogira agahengekerezo kurusha mwebwe.


Ni co gituma ndababwiye ko ku musi w’imanza igihugu ca Sodomu kizogira agahengekerezo kurusha mwebwe.”


Ariko ndababwira ko ku musi w’imanza, umuntu wese azobazwa ijambo ryose ritagira ikimazi yavuze.


Mwibuke ivyo nababwiye: ‘Umukozi ntaruta shebuja.’ Nimba barampamye, namwe bazobahama. Nimba barakurikije inyigisho zanje, bazokurikiza n’izanyu.


Icubahiro wampaye narakibahaye, kugira ngo babe umwe nk’uko twe nawe turi umwe:


Kuko Imana yabamenye kera, ibatoraniriza gusa n’Umwana wayo imbere y’igihe, kugira ngo abe imfura muri bene Se benshi.


Kandi nk’uko umuntu wese ategerezwa gupfa rimwe maze inyuma yaho hakaza urubanza,


Kuko Imana mu guca imanza, abatazogirirwa imbabazi ni abanse kuzigirira abandi. Ariko abagira imbabazi bazozigirirwa, kuko imbabazi zirengeye urubanza!


Urabona rero ko ukwizera kwiwe n’ibikorwa vyiwe vyose vyakoreye hamwe, ukwizera kwiwe kukuzuzwa n’ibikorwa yakoze.


Ivyo vyerekana ko Imana izi gukiza abayubaha ikabakura mu marushwa yabo, ariko kandi igashobora no kurindiriza abatayubaha kugeza ku musi w’imanza, aho izobahanira.


Bivuye muri iryo jambo nyene, amajuru y’ubu n’isi y’ubu bibikiwe kuzotongorwa n’umuriro, birindirijwe uyo musi wo guca imanza no guhonya abatubaha Imana.


Bana nkunda, nimugume muri Kristo kugira ngo aho azohishurirwa tuze dushire amanga, ntitwicwe n’isoni imbere yiwe niyagaruka.


Ariko umuntu wese yitondera ijambo ryiwe aba yerekanye ko akunda Imana n’umutima wiwe wose. Ico ni co kitwemeza ko turi muri we.


Umuntu wese avuga ko aba muri Kristo akwiye kubaho nk’uko na we yabayeho.


Nimurabe urukundo Data yadukunze kugeza aho atwita abana biwe! Kandi koko turi bo! Igituma ab’isi batazi ko turi abana n’Imana ni uko batayimenye.


Kandi umuntu wese afise ibi vyizigiro muri Kristo ariyeza, nk’uko Kristo na we ari uwera.


Bana nkunda, ntimukemere ko hagira umuntu n’umwe abazimiza. Umuntu akora ibigororotse ni umugororotsi, nk’uko Kristo ari umugororotsi.


Nta muntu n’umwe arabona Imana; ariko iyo dukundana, Imana iba muri twebwe kandi urukundo rwayo rwiyerekanira muri twebwe mu buryo busagutse.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ