Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Yohana 4:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Vyongeye, twariboneye kandi turashinga intahe ko Data yarungitse Umwana wiwe kugira ngo abe Umukiza w’isi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Natwe twarabibonye, tubishingira intahe, yuko Data wa twese yatumye Umwana wiwe kuba Umukiza w’isi yose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Yohana 4:14
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Jambo yahindutse umuntu abana natwe, yuzuye ubuntu n’ukuri. Natwe twariboneye ubwiza bwiwe; ni ubwiza bw’Umwana w’ikinege akura kuri Se.


Ku musi ukurikira, Yohana abonye Yesu aje amutumbereye, aravuga ati: “Ng’uwu Umwagazi w’intama w’Imana, akura ivyaha vy’abari mw’isi.


none vyocura iki ku wo Data yatoranije nk’uwiwe bwite hanyuma akamurungika kw’isi? Ni kuki munyagiriza ko ntutse Imana, mvuze nti: ‘Ndi Umwana w’Imana’?


Jewe sincira urubanza umuntu yumva amajambo yanje ntayashire mu ngiro. Kuko sinaje gucira isi urubanza, ahubwo naje gukiza isi.


Ndakubwire ukuri, twebwe tuvuga ivyo tuzi, kandi dushingira intahe ivyo twabonye, ariko ntimwemera intahe yacu.


Uwo ashingira intahe ivyo yabonye n’ivyo yumvise, yamara nta n’umwe yemera intahe yiwe.


Uwo Imana yatumye avuga amajambo y’Imana, kuko Imana imuha Mpwemu itamupimiye.


Babwira wa mugore bati: “Ubu ntitucizeye kubera ivyo watubwiye gusa; kuko twamwiyumviye, kandi twamenye neza ko ari we Mukiza w’isi.”


Mwiga Ivyanditswe n’umwete mwinshi kuko mwibaza ko bishobora kubaha ubugingo budashira. Ivyo Vyanditswe nyene ni vyo binshingira intahe,


Silasi na Timoteyo bashitse i Korinto bavuye i Makedoniya, Pawulo aca ahebera umwanya wiwe wose igikorwa co kuvuga Ubutumwa Bwiza, ashingira intahe Abayuda ko Yesu ari we Kristo.


Iri kete rigufi ndaryanditse mfashijwe na Silasi, uwo mfata nka mwene Data w’umwizigirwa, kugira ngo ndabatere intege kandi ndabamenyeshe ko ivyo muriko muracamwo ari ubuntu bw’Imana bw’ukuri. Nuko muhagarare mushikamye muri ubwo buntu.


Icerekana urwo rukundo ni iki: si twebwe twakunze Imana, ahubwo ni yo yadukunze itanga umwana wayo nk’ikimazi kugira ngo duharirwe ivyaha vyacu.


Nimba twemera intahe ishinzwe n’abantu, intahe ishinzwe n’Imana yo irakomeye kurusha, kandi iyo ntahe yayishingiye Umwana wayo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ