Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Yohana 3:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 N’igihe imitima yacu iducira urubanza, turazi ko Imana iruta imitima yacu kandi ko izi vyose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 mu vy’ imitima yacu idutsindisha vyose, kukw Imana iruta imitima yacu, kand’ izi vyose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Yohana 3:20
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yesu amubaza ubugira gatatu Yesu ati: “Simoni mwene Yohana, mbega urankunda?” Petero aca arababara kuko Yesu amubajije ubugira gatatu ati: “Mbega urankunda?” Aramwishura ati: “Mwami, wewe uzi vyose, urazi ko ndagukunda.” Yesu aramubwira ati: “Gaburira intama zanje.


Bavyumvise, baca batangura gusohoka umwe umwe uhereye ku bakuze, kugeza aho Yesu asigarana na wa mugore ahagaze imbere yiwe.


Bavyumvise barashangashirwa, bagomba kubicisha.


None ni nde azobatsindisha? Nta n’umwe, kuko Kristo Yesu yadupfiriye, ikigeretseko yarazutse ku bwacu, ubu yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana kandi aradusengera.


Mu mutima wanje nta jwi rinyagiriza ikibi, ariko ivyo ntibisigura ko nera. Umwami Imana ni we ancira urubanza.


Kuko abantu nk’abo bataye inzira y’ukuri, kandi ivyaha vyabo birabatsindisha.


Nta kintu na kimwe mu vyaremwe kinyegejwe imbere y’Imana. Imbere yayo vyose vyambaye ubusa kandi biragaragara. Kandi twese izotubaza ivyo twakoze vyose.


Igihe Imana yaha isezerano Aburahamu, yarahiye mw’izina ryayo kuko ata rindi zina ry’uwundi muntu ayiruta yari kurahiramwo.


Iki ni co kizotwereka ko turi ab’ukuri, bigatuma imitima yacu ishira amanga imbere y’Imana.


Bakundwa, iyo imitima yacu itaducira urubanza, turashobora kwegera Imana tudatinya.


Ariko mwebwe, bana nkunda, muva ku Mana kandi mwaranesheje abo bavugishwa b’ibinyoma, kuko Mpwemu aba muri mwebwe aruta impwemu iri mu b’isi.


Nzokwica abana biwe bose. Aho ni ho amashengero yose azomenya ko ndi Imana isuzuma ivyanyegejwe mu mitima no mu vyiyumviro kandi ko nzoha umuntu wese impembo ikwiranye n’ivyo yakoze.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ