Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Yohana 3:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Iyo umuntu afise ubutunzi bwo kw’isi, hanyuma akabona mwene Data wundi akenye, ariko ntamutere ikigongwe ngo amufashe, yoshobora kuvuga ko akunda Imana?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Arik’ ūfise ibintu vyo mw isi, akabona mwene Data wundi akennye, akazitira imbabazi ziwe kur’ uyo, mbeg’ ugukunda Imana kwoguma muri we gute?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Yohana 3:17
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yohana arabishura ati: “Uwufise imyambaro ibiri y’impuzu, nahe umwambaro umwe uwudafise n’umwe, n’uwufise ivyokurya nagire gutyo nyene.”


Kuko muzi ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo, ko n’aho yari umutunzi wa vyose, yigize umukene ku bwanyu kugira ngo mu bukene bwiwe mube abatunzi.


Kandi ntimwibagire gukora ivyiza no gusangira n’abandi, kuko ivyo ni ibimazi bihimbara Imana.


Dufatire akarorero ku muvukanyi umwe atagira ico yambara canke ico afungura.


Hamwe umwe wo muri mwebwe yomubwira ati: “Niwigire amahoro, wambare neza kandi ufungure,” ariko ntagire ico akora kuri ubwo bukene bw’uwo muntu, yoba amufashije iki?


Umuntu wese avuga ko akunda Imana ariko akanka mwene Data wundi, uwo ni umubeshi. Kuko umuntu adakunda mwene Data abona, ntashobora gukunda Imana atabona.


Umuntu wese yizera ko Yesu ari Kristo, uwo yavyawe n’Imana, kandi umuntu wese akunda uwo umuvyeyi, akunda n’abana biwe na bo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ