Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Yohana 3:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Iki ni co kitwereka urukundo ico ari co: Yesu Kristo yatanze ubuzima bwiwe ku bwacu. Natwe dukwiye gutanga ubuzima bwacu ku bwa bene Data bandi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Iki ni co kitumenyesha urukundo, n’uk’ uwo yatanze ubugingo bgiwe kubgacu: natwe dukwiye gutanga ubugingo bgacu kubga bene Data.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Yohana 3:16
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kuko n’Umwana w’Umuntu ntiyazanywe no gukorerwa, ahubwo yazanwe no gukorera abandi no gutanga ubuzima bwiwe ngo bube incungu ya benshi.”


Jewe ndi umwungere mwiza. Umwungere mwiza yitangira intama ziwe.


nk’uko Data anzi nanje nkamumenya. Ni co gituma ntanga ubugingo bwanje ku bwazo.


Ndabahaye icagezwe gishasha: Nimukundane. Nk’uko nabakunze, ni ko namwe mukwiye gukundana.


Kuko Imana yakunze abari kw’isi cane, bituma itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwizera wese ntaranduke, ariko aronke ubugingo budashira.


Nuko rero mwirinde mwebwe ubwanyu mwongere murinde n’ubusho Mpwemu Yera yabahaye ngo mububere abungere. Muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso y’umwana wayo.


Ni kenshi bahatswe gupfa bagomba gukiza ubuzima bwanje. Ivyo, si jewe jenyene ndabibashimira, ariko ni amashengero yose y’Abanyamahanga.


Ariko, Imana yo yatweretse urukundo rwayo rwinshi mu gutuma Kristo kudupfira kandi tukiri abanyavyaha.


Ni ukuvuga ko urupfu rukorera muri twebwe, kugira ngo ubugingo bukorere muri mwebwe.


kandi mugendere mu nzira y’urukundo, nk’uko Kristo yadukunze akitanga ku bwacu ngo abe ubumote bwiza n’ikimazi bihabwa Imana.


Bagabo, mukunde abagore banyu, nk’uko Kristo yakunze ishengero akaryigura


Kandi naho ndi hafi gutanga ubuzima bwanje ngo busukwe nk’ishikanwa ry’ikinyobwa ku kimazi, ari vyo bikorwa biva mu kwizera kwanyu, ndabinezererewe kandi nezeranywe namwe mwese.


kuko yahatswe gupfa azira igikorwa ca Kristo akongera agahakwa gupfa ariko ankorera ibikorwa mutari gushobora kunkorera muri hiyo.


Twarabakunze cane bituma tutababwira Ubutumwa Bwiza bw’Imana gusa, ahubwo twabahaye n’ubuzima bwacu na bwo.


turindiriye ivyizigiro vy’amahirwe, aho ubwiza bw’Imana yacu ihambaye n’Umukiza, ari we Yesu Kristo, buzohishurirwa.


Murazi ko mwacunguwe mukava mu buzima butagira ikimazi, ubwo mwarazwe na ba sogokuruza. Iyo ncungu si ibintu bishira nk’ifeza canke inzahabu,


Ku musaraba, Kristo ubwiwe yishizeko ivyaha vyacu, kugira ngo kamere muntu kacu ko gukunda icaha gapfe, tubeho dukunda gukora ivyo kugororoka. Mu bikomere vyiwe ni ho dukura gukira ingwara.


Kuko na Kristo yababarijwe ivyaha vyacu rimwe gusa, uwutagira icaha apfira abanyavyaha, kugira ngo abahuze n’Imana. Mu mubiri yarishwe, ariko Mpwemu Yera amusubiza ubugingo.


Umuntu wese avuga ko aba muri Kristo akwiye kubaho nk’uko na we yabayeho.


Umuntu wese avuga ko agendera mu muco, ariko akanka mwene Data, uwo aracagendera mu mwijima.


no kuri Yesu Kristo we cabona co kwizigirwa, imfura mu bapfuye, umutware aganza abami bo kw’isi bose, bibane namwe. Icubahiro cose kibe ic’uwadukunze, akatubohora mu vyaha vyacu abanje gusesa amaraso yiwe.


Baca baririmba indirimbo nsha, bavuga bati: “Urabereye kwakira uwo muzingo w’igitabu no kumena ibiwumatanije, kuko wishwe, amaraso yawe agacungurira Imana abantu bavuye mu miryango yose, mu ndimi zose, mu bwoko bwose no mu mahanga yose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ