Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Yohana 2:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Ikitwereka ko tuzi Kristo, ni uko dukurikiza amabwirizwa yiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Iki ni co kitumenyesha ko tumuzi, ni twitondera ivyagezwe na we.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Yohana 2:3
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni kuki mumpamagara ngo: ‘Mwami, Mwami,’ ariko ntimukore ivyo ndababwira?


Nimwaba munkunda, nimushire mu ngiro amabwirizwa yanje.


Nimwakurikiza amabwirizwa yanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nakurikije amabwirizwa ya Data nkaguma mu rukundo rwiwe.


Muzoba muri abakunzi banje nimwakora ivyo mbategeka.


Ubu ni bwo bugingo budashira: ko bakumenya wewe, Imana y’ukuri yonyene, na Yesu Kristo, uwo watumye.


Imana yavuze iti: “Ahari umwijima nihabe umuco,” yatumye umuco wayo ukayangana mu mitima yacu kugira ngo turonke ugutahura ivy’ubwiza bw’Imana bukayanganira kuri Yesu Kristo.


Amaze kuba uwutunganye rwose, yahindutse isoko ry’agakiza kadashira ku bamwumvira bose.


Ndabandikiye, mwebwe bavyeyi, kuko muzi Kristo, yamyeho kuva mu ntango. Ndabandikiye mwebwe rwaruka, kuko mwanesheje wa mubi.


Icerekana ko twavuye mu rupfu tukaja mu bugingo, ni uko dukunda bene Data. Umuntu wese adakundana aracari mu rupfu.


Iki ni co kizotwereka ko turi ab’ukuri, bigatuma imitima yacu ishira amanga imbere y’Imana.


Nta muntu n’umwe aba muri we abandanya acumura. Umuntu wese abandanya acumura ntaramubona kandi ntaramumenya.


Ikitwereka ko tuguma mu Mana na yo ikaguma muri twebwe ni Mpwemu yaduhaye.


Bakundwa, muze dukundane, kuko urukundo ruva ku Mana. Umuntu wese akundana yavyawe n’Imana kandi arayizi.


Turazi ko turi abana b’Imana, kandi ko isi yose iri musi y’ububasha bwa wa mubi.


Ikitwereka ko dukunda abana b’Imana ni urukundo dukunda Imana no kwitondera amabwirizwa yayo.


Kuko gukunda Imana ni ukwitondera amabwirizwa yayo, kandi amabwirizwa yayo ntaremeye,


Maze ca gisato gica cuzura ubushangashirwe ku bw’uwo mugore, gica kija gutera intambara abasigaye bo mu ruvyaro rwiwe. Abo ni abitondeye amabwirizwa y’Imana bakama bashingira intahe Yesu.


Ni co gituma abera b’Imana, bubaha amabwirizwa yayo bakaguma mu kwizera Yesu, bakwiye kwihangana cane.


Hahirwa abamesura amakanzu yabo, kuko bazohabwa uburenganzira bwo kurya ku giti c’ubugingo no kwinjira mw’irembo rya ca gisagara.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ