1 Yohana 2:28 - Bibiliya mu Kirundi coroshe28 Bana nkunda, nimugume muri Kristo kugira ngo aho azohishurirwa tuze dushire amanga, ntitwicwe n’isoni imbere yiwe niyagaruka. အခန်းကိုကြည့်ပါ။Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)28 Na none bana bato, mugume muri we, kugira ngo ni yahishurwa tuze dushire ubgoba, ntidutētererwe imbere yiwe ah’ azozira. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Iyo mibabaro iriho kugira ngo ipime ukwizera kwanyu yerekane ko ari ukw’ukuri. Kurya inzahabu ishira igeragereshwa umuriro kugira ngo igaragare ko ari iy’ukuri, ni ko biri no ku kwizera kwanyu. Gufise agaciro kanini cane kurusha ak’inzahabu, ni co gituma gupimwa kugira ngo nikwamara kurama, kuze kubazanire ubwiza, gushimwa n’icubahiro ku musi Yesu Kristo azohishurirwa isi yose.