Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Yohana 2:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Bavuye muri twebwe, ariko mu vy’ukuri ntibari abacu. Kuko iyo baba abacu, bari kugumana natwe. Ukugenda kwabo kwerekanye ko ata n’umwe muri bo yari uwacu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Bavuye muri twebge, ariko ntibar’ abacu: iyo baba bar’ abacu, baba baragumanye natwe: arikw icatumye batuvamwo kwar’ ukugira ngo bahinyuke bose kw atar’ abacu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Yohana 2:19
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko abiyita Kristo n’abavugishwa b’ibinyoma bazoza ari benshi, bakore ibimenyetso n’ibitangaza kugira ngo bishobotse bazimize n’abatoranijwe.


Kuko abiyita Kristo n’abavugishwa b’ibinyoma bazoza ari benshi, bakore ibimenyetso n’ibitangaza kugira ngo bishobotse bazimize n’abatoranijwe.


Hari abandi bantu bameze nk’isi yo ku rutare. Abo na bo iyo bumvise ijambo ry’Imana, baryakirana umunezero, ariko kubera ritagira imizi muri bo, bizera akanya gato. Hagize ibibagerageza, baca bata ukwizera.


Ishami ryose ryo kuri jewe ritama ararica, ariko ishami ryose ryama ararituturira akarituganya kugira ngo rirushirize kwama.


ariko uwunywa amazi ntanga ntazosubira kugira inyota. Ahubwo ayo mazi azohinduka isoko ridudubiza muri we, rizana ubugingo budashira.”


Twarumvise ko hari bantu bamwe muri twebwe baje iwanyu tutabatumye, bababwira amajambo abaca ivutu, abahagarika imitima.


No muri mwebwe nyene hari abazokwadukana inyigisho zo kugoramika ukuri kugira ngo bikwegereko abigishwa.


Ivyo ntibisigura ko ivyo Imana yasezeraniye Abisirayeli vyabaye impfagusa. Haba na mba! Kuko abavukiye mw’ihanga rya Isirayeli bose si Abisirayeli.


Koko hategerezwa kuba ukwitandukanya muri mwebwe, kugira ngo abemerwa n’Imana bagaragare.


Ni co gituma nihanganira vyose ku bw’abatoranijwe, kugira ngo na bo baronke agakiza kari muri Kristo Yesu, hamwe n’ubwiza butazoshira.


Ariko, imfatiro zikomeye zashizweho n’Imana zirashimangiye. Zanditsweko aya majambo ngo: “Uhoraho arazi abiwe”; kandi ngo: “Abatura izina ry’Uhoraho bose bave mu kugabitanya.”


Ariko nta ho bazoshika kuko ubupfu bwabo umusi umwe buzomenyekana nk’uko vyagenze kuri Yane na Yambure.


Ariko twebwe ntituri mu basubira inyuma bagahona, ahubwo turi mu bizera bagakiza imitima yabo.


Ibi ndabivuze kuko ababeshi benshi bakwiragiye mw’isi. Abo ntibemera ko Yesu Kristo yaje yambaye umubiri. Umuntu wese ameze uko ni umubeshi kandi ni antikristo.


Jewe Yuda, umukozi wa Yesu Kristo n’umuvukanyi wa Yakobo, Ndabandikiye mwebwe abahamagawe, mukundwa n’Imana Data kandi muzigamwe na Yesu Kristo:


Abantu nk’abo ni bo babacamwo ibice, bakurikira ivyipfuzo vyabo vy’ab’isi gusa, ntibagira Mpwemu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ