Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Yohana 2:18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Bana nkunda, iki ni igihe ca nyuma. Mwarumvise ko antikristo agiye kuza, kandi ba antikristo benshi baramaze guseruka. Iki ni co kitwemeza ko turi mu gihe ca nyuma.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Bana bato, ubu n’igihe c’iherezo: kandi nk’uko mwumvise yuko Antikristo azoza, n’ubu hamaze guseruka ba Antikristo benshi: ni co gitumye tumenya kw ar’ igihe c’iherezo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Yohana 2:18
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hazokwaduka abavugishwa b’ibinyoma benshi kandi bazozimiza abantu benshi.


Kuko abiyita Kristo n’abavugishwa b’ibinyoma bazoza ari benshi, bakore ibimenyetso n’ibitangaza kugira ngo bishobotse bazimize n’abatoranijwe.


kuko benshi bazoza mw’izina ryanje bavuga ngo: ‘Ni jewe Kristo,’ kandi bazozimiza benshi.


kuko benshi bazoza mw’izina ryanje, bavuga bati: ‘Ni jewe Kristo!’ kandi bazozimiza benshi.


Arabahamagara ati: “Bagenzi, nta fi mufise?” Na bo bati: “Oya!”


Kandi ivyo mukwiye kubishishikara kuko muzi igihe tugezemwo. Iki ni igihe co kwikangura, kuko agakiza kacu katwegereye kurusha ca gihe twatangura kwizera.


Ijoro riritereye, bugira buce. Kubera ivyo, twiyambure ibikorwa vy’umwijima, twambare ibigwanisho vy’umuco.


Ariko muri iyi misi y’iherezo, yavuganye natwe iciye ku Mwana wayo. Uwo ni we Imana yagize samuragwa w’ibintu vyose, kandi ivyaremwe vyose yabiremye iciye muri we.


Imana yari yaramutoranije imbere y’uko isi iremwa, ariko yamuhishuye ubu muri ino misi ya nyuma ku bwanyu.


Kandi biciye muri ukwo kwizera, murakingiwe n’ubushobozi bw’Imana, kugeza mushikiriye ako gakiza kateguwe kuzohishurwa mu gihe c’iherezo.


Umuhero wa vyose uri hafi. Ku bw’ivyo, mukwiye kubaho mwirinda kandi mugavye kugira ngo mushobore gusenga.


Ariko harabayeho kandi n’abavugishwa b’ibinyoma badutse mu bantu, nk’uko no muri mwebwe hazokwaduka abigisha b’ibinyoma. Bazozana mu mpisho inyigisho z’ibinyoma zisambura, zihakana n’Umwami Nyeninganji yabacunguye, abo bikwegere uguhona kwihuse.


Ica mbere mukwiye kumenya ko mu misi y’iherezo hazoza abacokoranyi, bacokora ukuri kandi bagakurikira ivyipfuzo vyabo bibi.


Ni nde mubeshi? Ni umuntu wese ahakana ko Yesu ari Kristo. Uwo muntu ni antikristo, kuko ahakana Data n’Umwana.


Bakundwa, ntimukizere abantu bose avuga ko bavugishwa. Ariko mubageze kugira ngo murabe ko impwemu ibakoresha iva ku Mana. Kuko hari abavugishwa b’ibinyoma benshi bakwiragiye mw’isi.


Ariko umuntu avuga ko avugishwa n’Imana ariko ntiyature Yesu, uwo ntava ku Mana. Umuntu nk’uwo afise impwemu ya antikristo, uwo mwumvise ko azoza kandi aramaze gushika mw’isi.


Ibi ndabivuze kuko ababeshi benshi bakwiragiye mw’isi. Abo ntibemera ko Yesu Kristo yaje yambaye umubiri. Umuntu wese ameze uko ni umubeshi kandi ni antikristo.


Bababwiye bati: “Mu bihe vy’iherezo hazobaho abacokoranyi bakurikira ivyipfuzo vyabo vyo kutubaha Imana.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ