Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Yohana 1:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Ico tubabwira ni Jambo w’ubugingo yamyeho kuva mu ntango; uwo twumvise tukamubona n’amaso yacu, uwo twihweje kandi twakozeko n’iminwe yacu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Icariho uhereye ubga mbere na mbere, ico twumvise, ico twabonye n’amaso yacu, ico twitegereje, intoke zacu zikagikorako, ivyo kuri Jambo w’ubugingo —

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Yohana 1:1
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

nk’uko twazishikirijwe n’abavyiboneye kuva bigitangura, ari na bo bamamaje Ubutumwa Bwiza.


Ehe nimurabe ibiganza n’ibirenge vyanje. Ni jewe nyene. Nimunkoreko maze mumenye ko ntari umuzimu, kuko umuzimu utagira inyama n’amagufa nk’ivyo mumbonana.”


Uwabibonye ni we yabishingiye intahe, kandi intahe yiwe ni iy’ukuri, kandi ashinga iyo ntahe kugira ngo mwizere.


Maze abwira Toma ati: “Koza urutoke rwawe hano, urabe ibiganza vyanje. Gorora ukuboko kwawe ukore mu rubavu rwanje. Reka gukekeranya niwizere.”


Nk’uko Data afise ubugingo muri we, ni ko yahaye Umwana kugira ubwo bugingo muri we.


Yesu arabishura ati: “Ndababwire ukuri, Aburahamu ataravuka, jewe nariho!”


Inyuma y’urupfu rwiwe, yamaze imisi mirongo ine aza ariyereka izo ntumwa, azereka n’ibemenyetso bigaragara vyemeza ko ari muzima, yongera ababwira ivy’Ubwami bw’Imana.


Twebwe ntidushobora kureka kuvuga ivyo twiboneye kandi twiyumviye.”


none twebwe tuzokira gute ni twanjanjwa ku gakiza gakomeye nk’ako? Umwami Yesu ubwiwe ni we yabanje kuvuga ivy’ako gakiza, hanyuma abamwumvise baratwemeza ko ari ukuri.


Vyongeye, twariboneye kandi turashinga intahe ko Data yarungitse Umwana wiwe kugira ngo abe Umukiza w’isi.


riti: “Wandike mu gitabu ivyo ubona vyose maze ubirungikire amashengero indwi mu bisagara vya Efeso, Simuruna, Perugamo, Tuwatira, Sarudi, Filadelufiya, na Lawodikiya.”


“Ndi Alufa na Omega, Intango n’Iherezo,” ni ko Umwami Imana avuze, “uwuriho, uwamyeho kandi agira aze, Mushoboravyose.”


Yari yambaye ikanzu yinitswe mu maraso, kandi izina ryiwe ni Jambo w’Imana.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Simuruna uti: Uwa mbere akaba n’uwa nyuma, uwapfuye akazuka, aravuga ati.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ