Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Timoteyo 6:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Abari mu bugurano bamenye ko ba shebuja bakwiye icubahiro cose, kugira ngo izina ry’Imana n’inyigisho zacu ntibitukwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Abagurano bose bari mu buja ni biyumvire ba shebuja ko bakwiye kwubahwa rwose, ngw izina ry’Imana n’ukwigisha ntibitukwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Timoteyo 6:1
35 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko umutwaro wanje urahwahutse kandi ivyo ndabikoreza ntibiremereye.”


None mwagiye kuraba iki? Uwuvugishwa n’Imana? Egome cane, ndababwiye ko mwagiye kuraba uwuruta uwuvugishwa n’Imana.


Umusi umwe Yesu yabwiye abigishwa biwe ati: “Ibituma abantu bacumura ntibizoreka kuza, ariko aragowe umuntu abizana.


Ba bantu barishura bati: “Turungitswe na Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana. Ni umugororotsi yubaha Imana, ashingirwa intahe n’ubwoko bw’Abayuda bwose. Umumarayika yamubwiye ngo agutumeko iwe kugira ngo yumve ivyo uri bumubwire.”


Wa mumarayika baganira amaze kugenda, Koruneliyo aca ahamagara babiri mu bakozi bari kumwe n’umusoda yubaha Imana, yari umwe mu bamugendanira.


None rero, ni kubera iki mugomba kugerageza Imana mu kuremeka abigishwa imitwaro twebwe ndetse na ba sogokuruza tutashoboye kwikorera?


Ni co gituma Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Ni mwebwe mutukisha izina ry’Imana mu Banyamahanga.”


Ntihakagire uwo mutsitaza, yaba Umuyuda canke Umugiriki, canke abo mw’ishengero ry’Imana.


Kristo yatubohoye kugira ngo aduhe umwidegemvyo. Hagarara mushikamye rero, ntimwongere kwemera umuntu n’umwe asubira kubaremereza imitwaro y’ubuja bw’ivyagezwe.


Nohanura rero abapfakazi bakiri bato ko bosubira kurongorwa, bakavyara abana, bagatunganya ingo zabo. Ni ho umwansi atazoronka ico abavugako.


kuganza ingeso zabo kandi babe abatanduye, biteho ivy’ingo zabo, bagire ubugwaneza, bubahe abagabo babo, kugira ngo ntibatukishe ijambo ry’Imana.


Mugire inyifato nziza mu bo mubana batizera, kugira ngo n’aho babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, baze babone ingeso zanyu nziza, bitume bahimbaza Imana umusi izotugendera.


Mubikorane umutima utabagiriza ikibi, kugira ngo n’ababavuga nabi bazomaramare babonye ingeso zanyu nziza muri Kristo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ