Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Timoteyo 5:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Umuntu n’atafasha umuryango wiwe na canecane abo mu nzu yiwe, aba yihakanye ukwizera kw’ukuri, kandi uwo aba ari inyuma y’uwutizera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Arik’ umuntu n’atātunga abo mu nzu y’i wabo, cane‐cane abiwe, azoba yihakanye ukwizera, kand’ azoba abaye hanyuma y’ūtizera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Timoteyo 5:8
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Na bo nyene yanse kubumviriza, ubibwire ishengero; kandi yanse kwumvira ishengero, umufate co kimwe n’uwutizera Imana canke umutozakori yiba.


Nimba mwebwe mushobora guha ingabire nziza abana banyu kandi muri babi mu mitima, mbega So wo mw’ijuru ntazorushiriza guha ivyiza ababimusavye!


Iyo ntaza nkavugana na bo, ntibokwagirijwe icaha. Ariko noneho nta co bafise bireguza ku caha cabo.


Ariko aho gutatura ayo matati mwebwe nyene, mwene Data umwe yitwarira mugenziwe, kandi akamwitwarira ku batizera!


Ndiko nditegurira kubagendera irya gatatu, kandi na ho nyene sinzobaremera, kuko ico ngomba si ivyo mutunze, ngomba mwebwe nyene. Kuko mu bisanzwe abana si bo bari bakwiye kugaburira abavyeyi, ahubwo abavyeyi ni bo bagaburira abana babo.


Mbe Kristo na Beliyali hari ico bahurirako? Mbega uwizera n’uwutizera bohurira ku ki?


None rero, uko akaryo kose kabonetse, tugirire neza bose, na canecane abo mu nzu y’abizera.


Nitwihangana, tuzoganzanya na we. Nitwamwihakana, na we azotwihakana.


Bigira abagororotsi ariko bihakanye ububasha bwobahaye ukugororoka. Uze witandukanye n’abantu nk’abo.


Bigira abazi Imana ariko ibikorwa vyabo bikagaragaza ko bayihakana. Ni abo kwankwa, ntibumvira kandi nta gikorwa ciza na kimwe bashoboye gukora.


Ariko harabayeho kandi n’abavugishwa b’ibinyoma badutse mu bantu, nk’uko no muri mwebwe hazokwaduka abigisha b’ibinyoma. Bazozana mu mpisho inyigisho z’ibinyoma zisambura, zihakana n’Umwami Nyeninganji yabacunguye, abo bikwegere uguhona kwihuse.


Ibi ndabivuze kuko hari abantu batubaha Imana binjiye muri mwebwe binyegeje, bakigisha ko ubuntu bw’Imana butwemerera kugendera mu buhumbu. Igihano c’abantu nk’abo cari caravuzwe mu Vyanditswe kuko bahakana Yesu Kristo, ari we Databuja wenyene n’Umwami.


Ndazi ko uba mu gisagara Satani afisemwo intebe y’inganji, ariko wumiye kw’izina ryanje. Ntiwamvuyeko no mu gihe ca Antipa, icabona canje c’ukwizigirwa, uwagandaguriwe muri mwebwe, mu gisagara ca Satani.


Ndazi ibikorwa vyawe. Ehe, nakwugururiye umuryango ata n’umwe ashobora kwugara. Ndazi ko ufise intege nke, ariko wazigamye ijambo ryanje, ntiwanyihakana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ