7 Ivyo uzokwame uvyibutsa abantu, kugira ngo babeho batagira umugayo.
7 Ubabgirize ivyo, kugira ngo ntibabek’ umugayo.
kugira ngo mubeho mutagira umugayo, mugororotse, mube abana b’Imana batagira agatosi mu bantu b’iki gihe bagoramye kandi bononekaye, abo mubonekamwo mwakaka nk’inyenyeri zo kw’ijuru.
Igihe naja i Makedoniya narakwinginze ngo ugume hiyo muri Efeso kugira ngo wihanize abigisha inyigisho z’ibinyoma ntibasubire kwigisha,
Uze wame wigisha ivyo.
Wigishe abafise ubutunzi bw’iyi si kutishira hejuru no kudashira ivyizigiro vyabo muri bwo, kuko butaramba. Ariko bizigire Imana yo iduha vyose nk’umusesekara kugira ngo tubinezerererwe.
Ndakwingingiye mu nyonga z’Imana n’imbere ya Kristo Yesu, azocira urubanza abazima n’abapfuye aho azozira kwima ku ngoma yiwe:
Ivyo avuga ni vyo. Ni co gituma ukwiye kubihanikiriza ushimitse, kugira ngo bakomezwe mu kwizera kw’ukuri.
Ivyo ni vyo ukwiye kwigisha abizera. Ubahimiririze kubikora kandi ukosore abatabikora, kandi ubigire mu mubasha wahawe bwose. Ntukemerere umuntu n’umwe kugusuzugura.